Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Bénin : Integuro y’ugusubiramwo ibwirizwa shingiro yasubijwe inyuma
Bénin : Integuro y’ugusubiramwo ibwirizwa shingiro yasubijwe inyuma
mercredi 5 Ndamukiza 2017
Inama nshingamateka y’igihugu ca Bénin yasubije inyuma integuro y’itegeko yari yatanzwe na Reta, mu bijanye n’uguhindura ibwirizwa shingiro ry’ico gihugu. Iyo nteguro y’itegeko ntiyaronse amajwi akwiye kugira abashingamateka bayige.
Ibwirizwa shingiro ry’igihugu ca Bénin rivuga ko kugira abashingamateka bige iyo nteguro, hari kubanza kuboneka amajwi 63 mu matora yabaye, ariko ayagera kuri 60 akaba ariyo yabonetse. Abashingamateka babiri batoye "OYA", uwundi umwe ntaco yabivuzeko. Iyo nteguro y’itegeko ryo guhindura ibwirizwa shingiro ikaba yaciye isubizwa inyuma.

Umukuru w’igihugu w’igihugu ca Bénin yagirizwa n’abatavuga rumwe n’ubutegetsi bwiwe ko afise umugambi w’uguhindura ibwirizwa shingiro kugira yigumize ku butegetsi.
IGIHE
Messages
6 Ndamukiza 2017, 00:47, par Ntakirutimana Joel
Ukwabanyeporitike batavugarumwe na Reta ya Benin, ukwo babibona nikobiri abaperezida bikigihe bahindura amategeko yigihigu kugira biyorohereze, bashobore kuguma kubutegetsi, ariyonzira yukwinyegeza mubutegetsi ntibazobazwe amabi bakoreye abenigihugu. Niyonzira batoye yokwinyegeza, kuko ntahandi bafise hokwinyeza bari mugihugu.
6 Ndamukiza 2017, 11:53, par Wakera
iyo ngwara ko yatandukiriye ibihugu vyishi vy’Africa!!! Nongaha iwacu yarinjiye ibipimo vyambere vyayo vyatowe kuri FNL Nyakuri ya Plombier hamwe na UPD Nyakuri (Abdul) !!! Shame on those two guys
7 Ndamukiza 2017, 08:20, par Ntakirutimana Joel
Wakera, ivyuvuga nivyukuri nirwarabi igoyegukiza.