IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Burkina Faso : Abasirikare batanu baguye mu gitero cakozwe ku murwa (...)

Burkina Faso : Abasirikare batanu baguye mu gitero cakozwe ku murwa mukuru

vendredi 2 mars 2018

Amakuru dukesha urubuga rw’iradiyo y’abafaransa RFI, amenyesha ko amasase yatanguye kwumvikana igihe c’isaha zine z’igitondo, mu karere gakoreramwo ubuserukizi bw’igihugu c’Ubufaransa i Ouagadougou.

Ayo makuru nyene amenyesha ko abakoze ico gitero bururtse imodoka baca batangura kurasa abarengana, imbere y’uko babandanya ahakorera ubuserukizi bw’igihugu c’Ubufaransa,ariko bacururuka imodoka, boba bururutse bavuga ngo : Allah Akbar.

Gushika isaha zitandatu z’umutaga, mu masaha y’i Ouagadougou amasase yari acumvikana mu gisagara, gushika mbere hafi y’ahakorera ibiro bikuru vya gisirikare, naho nyene ikibanza cegereye ahakorera ubuserukizi bw’Ubufaransa hari hakikujwe n’abasirikare n’abaporisi.

Abegereye umushikiranganji w’imigenderanire y’Ubufaransa n’ayandi makungu, bavuze ko ibintu biriko birakurikiranwa, kandi ko birikobirasubira mu buryo, haba ahakorera ubuserukizi bw’Ubufaransa canke ikigo c’abaransa i Ouagadougou.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.