IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > CPI: Jean Pierre BEMBA yaciriwe gupfungwa uwundi mwaka

CPI: Jean Pierre BEMBA yaciriwe gupfungwa uwundi mwaka

jeudi 23 Ntwarante 2017

Sentare mpuzamakungu mpanavyaha y’I La haye yaciriye Jean-Pierre Bemba yahoze ar’icegera c’umukuru w’igihugu ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo gupfungwa umwaka umwe no gutanga ihadabu y’ibihumbi 300 vy’amafaranga y’abanyabulaya.

Jean Pierre Bemba yagirizwa ubwicanyi, ugufata abagore ku nguvu vyakozwe n’umuhari w’abarwanyi biwe muri Republika ya Centrafrika,akagirizwa kandi gutanga ibiturire ku vyabona vyiwe mu rubanza yagirizwa n’iyo sentare vyo mu ntambara n’uguhohotera agateka ka zina muntu.

Abarwanyi b’umurwi wari urongowe na Jean Pierre Bemba wagirizwa ko wishe abantu 1500 hagati y’imyaka 2002 n’umwaka wa 2003 mu gihugu ca Republika ya Centrafrika.

Jean Pierre Bemba ni umurwizatunga w’imyaka 54, yari yaraciriwe kandi gupfungwa imyaka 18, hari mu kwezi kwa gatandatu,mu mwaka wa 2016.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.