IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Cameroun: Isoko ya Bamenda yahiye iratokombera

Cameroun: Isoko ya Bamenda yahiye iratokombera

mercredi 15 Ntwarante 2017

Isoko yo mu gisagara ca Bamenda mu gihugu ca Cameroun yarahiye iratokombera mw’ijoro ryo ku munsi wa mbere buca ari ku munsi wa kabiri igenekerezo rya 14 Ntwarante,umwaka wa 2017. Abadandariza muri iyo soko bavuga ko ivyahiye bifise agaciro k’amafaranga aharurwa mu mamiliyoni y’ama CFA.

Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC amenyesha ko utuzu tw’ubudandarizo twababa 200 aritwo twahiye.

Abategetsi bo mu gisagara ca Bamenda bavuga ko iyo soko yoba yaturiwe n’abagizi ba nabi, kandi ko bishobora kuba bifitaniye isano n’umutekano muke umaze iminsi wibonekeza mu gice kibamwo abavuga ururimi rw’icongereza.

Mu gihe isoko ya Bamenda yavamwo ibidandazwa vyinshi bidandazwa ku masoko yo muri Cameroun, abanyagihugu basaba Reta kwitaho ku rugero ruboneka ikibazo cibonekeza mu gice c’igihugu kivuga ururimi rw’icongereza.

Amashuri atari make nayo aramaze guturirwa mu gice c’uburaruko bushira uburengero hamwe n’igice c’ubumanuko gishira uburengero, uturere twose tuvugwamwo ururimi rw’icongereza.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.