Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Ishirahamwe UNHCR ryakuye abakozi baryo muri Centrafrika
Ishirahamwe UNHCR ryakuye abakozi baryo muri Centrafrika
mercredi 5 Mukakaro 2017
Kw’igenekerezo rya mbere Mukakaro 2017, abantu bitwaje ibirwanisho bateye mu gisagara ca Kaga Bandoro ahari inyubakwa z’ishirahamwe HCR bagenda batwaye ibikoresho vyose vyari muri iyo nyubakwa.
Abo bitwaje ibirwanisho kandi bagiye basahuye impapuro z’inzira z’abakozi ba HCR mu gihugu ca Centrafrika,ibikoresho vyabo hamwe n’amafaranga,abandi nabo baterwa ubwoba n’abo barwanyi.
Umuvugizi wa HCR, Andrej Mahecic, avuga ko naho bitoroshe hakenewe amatohoza, kugira bamenye abakoze ico gitero.
MUGISHA Van Naris