IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Congo Brazzaville ishobora kwikura muri Sentare mpuzamakungu (...)

Congo Brazzaville ishobora kwikura muri Sentare mpuzamakungu mpanavyaha

samedi 5 Munyonyo 2016, par Egide NDUWIMANA

Imigambwe ibiri ikomeye muri Congo Brazzaville yasavye Reta y’ico gihugu kuva muri Sentare mpuzamakungu mpanavyaha y’i La Haye mu gihugu c’Ubuhorande.

Iyo migambwe ibisavye inyuma y’aho bimwe mu bihugu vyo ku mugabane wa Afrika vyiyamirije ingene iyo Sentare ikora.

Mu kwezi guheze, ibihugu bibiri arivyo Afrika y’Epfo, hamwe n’Uburundi vyabaye ivya mbere vyatangaje ko vyikuye muri iyo Sentare.

Inyuma y’iminsi mike, n’igihugu ca Gambia naco caciye gitangaza ko kigiye gutangura inzira y’ukwikura muri iyo sentare yagirizwa kwibanda cane ku banyagihugu bo ku mugabane wa Afrika gusa.

Imigambwe "Patriotic Front" hamwe na "The 2020 Awakening Movement", yatunganije kuri uwu wa gatandatu imyiyerekano yarimwo abantu bagera ku 300 mu gisagara ca Brazzaville, aho bavuga ko amategeko y’iyo Sentare adahuye n’ibibuzwa n’ibwirizwa shingiro bijanye n’ukuja kuburanisha umunyagihugu hanze y’igihugu.

Umuvugizi w’umwe muri iyo migambwe yatunganije imyiyerekano, Paolo Benaza, yamenyesheje ko amategeko ya Sentare mpuzamakungu mpanavyaha atandukanye n’ibiri mw’ibwirizwa shingiro rya Congo Brazzaville, ko ari uburyo bugamije ko ibihugu vyateye umukono kuri ayo masezerano bizoza biratanga abanyagihugu bavyo muri iyo Sentare, ku mpamvu izarizo zose.

Umushikiranganji w’ubutungane muri ico gihugu, Pierre Mabiala, niwe yakiriye ivyasabwe n’iyo migambwe, akaba yamenyesheje ko agiye kwiga ivyo vyasabwe vy’uko Congo Brazzaville ikurwa muri Sentare mpuzamakungu mpanavyaha, mbere yemera ko agiye kubishikiriza Reta.


IGIHE

Messages

  • Jewe Na gomba gusaba shimitse ishirahamwe mpuza makungu ONU nayandi makungu gufatira ibihano ruhasha abakuru bibihugu Bose bariko barikura muri cpi kuko ukwo nugutanga akarorero kabi ko kudahana ivyaha

  • Ukuva muri iyo sentare y’abakoroni ni ikimenyetso c’ukwikukira kwa Afrika, hazoba hasigaye ko banque mondiale la FMI bituva ku gakanu, tukitunganiriza twebwe nyene ubutunzi n’ama banques muri Afrika i wacu. Kuko biribonekeza ko banque mondiale, FMI ari ibikoresho vya domination , vy’igikoroni...kandi arivyo bituma ubukene muri Afrika. Vive l’independance de l’Afrique.

  • Ndabonaburya Africa iratanguye kwikangura kuko birabonekako abazungu bafise ubwobako umugabane wafrica niwatera imbere ukibako murivyose abazungu barabonakoko ntajambo bazoba bafise muri Africa kandi ariho bakura ubutare bakoramwo ibikoresho bituma batera imbere. Yego yego urwanda nuburundi birakwiye kujahamwe bakabonako ari abavandimwe ataco bapfa hanyuma ubutegetsi bwurwanda bugasangira akabisi nagahiye nubutegetsi bwurundi. Rwanda Urundi rengera ivyomupfa vyose hanyuma muteze imbere ibihuguvyanyu mwongere muteze imbere umugabane wacu wafrica , nimwunvira amohe yabazungu mugasenya ugwanyu iherezo nukuba mumusaka nugutwengwa nabobasesa nkuyoze! Raba ribya, sylia, somaria, Iraq ububiteye isoni kandi vyari ibihugu vyifashe mubukungu, Africa oyee!!!! Burundi oyeee! Gambi oyeeee! Congo oyeee! South Africa oyeee!

  • vamwo iyo sentare irahenganye ishaka kumarira abategetsi ba afrika kumunyoro kandi muravye iyo sentare ishigikira abivumbuye kubutegetsi vyerekana ko uwazotwara wese mura afrika azotahira irahe ati gute nta gihugu nakimwe kibura abajaganyi nukuvuga ubutegetsi bubahanye iyo sentare ica ibavugira rero ibihugu vya afrika bitavuye muriyo sentare abatwaye bose bazotahira irahe afrika yose nivemwo ishinge rwayo abo bazungu ntibashaka ko afrika yikukira raba ukuntu bishe kadafi ataco ba muziza kandi yari yarateje imbere igihugu ciwe yagira ateze imbere africa baca barica murabona ko baguma batandukira ibindi bihugu ngo hazotware uwo bashaka yemera kubasahurira ubutare bwa afrika ntawundi ni kagame yasahuye ubwa kongo abashorera none atandukiye uburundi bategetsi ba frika murarabe kure nahahandi muzoza murangiriza aho irahe mwisinyiye ko uwo kagame akorana nabo bazungu ba mubwiye akabanga urwanda nti ruri muriyo sentare namabi muzi kagame yakoze koranya inama yavuba muveyo mwese

  • Iyo sentare mpuzamakungu ni vyiza kubaho, kuko amasentare yo mubihugu vyacu, hariho abantu bitwa ngo nabategetsi batoshobora kwubahuka gufata ngo babazwe kumabi bagiye barakora. Niyo sentare ntabwo ikorera kuvyiyumviro vyayo, Oya ,ikorera kuvyo yatohoje mubenigihugu, mumpande zitandukanye. Iyo abobanye poritike bavuze yu ko sentare mpuzamakungu ibonera abanya Frika bababihenze cane, turavye ibibi bikorwa nabategetsi bacu,birarengeye ukwemera,mubihugu vyaburaya abende, arinze akora ibinyuranye namategeko yi gihugu, sentare yigihugu iramushugurikira itaravye igiti afise kubutegetsi. Ariko haniwacu uwubaye umutegetsi abaronse ahantu hokwinyegeza kugira ntazokurikiranwe kumabi yakozeee.

  • BARATE KWIKURA KWAKAGAYE NI BANYARUTSE KUVAYO

  • Ni vyiza kuva muri sentare ya. Cpi kunyungu zabenegiu bose apana kunyungu zigihugu nabanyagiho

  • jehonabonako abanyafrikabose atagihugunakimwecosigarajehonabonako abanyafrikabose atagihugunakimwecosigaramwo

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.