Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Amakuru \BB Muri Afrika
Cote d’Ivoire : Abasirikare basubiye mu makambi yabo
Yanditswe taliki ya 9-01-2017 - isaha 07:01' na IGIHE

Inyuma y’iminsi ibiri abasirikare b’igihugu ca Cote d’Ivoire bihereje amabarabara ,bagafata kandi ibici bimwe bimwe vy’igisagara ca Bouake basaba kwongerwa imishahara, basubiye mu makambi, umukuru w’igihugu ahejeje gushikiriza ijambo.

Abo basirikare basaba kwongerwa imishahara, gutunganya neza ingene babayeho no gusubiramwo ibijanye n’amapete.Kuwa gatandatu igenekerezo rya 7 Nzero 2017, umukuru w’igihugu Alassane Ouattara yatangaje ko bashitse ku masezerano kuvyo basaba.

Umukuru w’igisirikare mu gihugu ca Cote d’Ivoire nawe yari yifatanije n’abasirikare kuja mw’ibarabara, yavuze ko abasirikare bose bavuye mu mabarabara kandi ko bari mu makambi yabo barindiriye imishahara.

Ababa mu gisagara ca Bouake,ahabereye iyo myiyerekano y’abasirikare bavuga ko ubuzima bwasubiye kuba nkuko bwahora,kuko amamangazini n’amabarabara vyuguruwe.

Ivyiyumviro vyanyu

Abasirikare ba COTE-d-Ivire_ninserukarukavye bakozerugabo, naba basisirikare bacu baribakwiye nabonyene kumuhagurukira cane NKURUNZIZA PETERO bakongerwa umushahara ukwiye, kuko uravye ubuzima bwabasirikare bongaha mu Burundi burateye isoni !, mumategeko umusirikare wuburundi wanyuma yarakwiye guhebwa umushahara ungana na $700 dora yabanyamerika burikwezi. Bivamye nubukene bafise usanga uwitwa ngonumusirikare usanga ahavuka ntaninzu afise yarabuze amahera yukubakisha, yitwa ngo arimugisirikare careta !.

10.01.2017 à 06:52
Nowera Nimbona

Kumbe igisirikarecabahoze kurugamba ahandi kirahembwa muburundigonihobatazohembwa ? bobabihenze bocabakorana nuwubahitanye

9.01.2017 à 18:43
Barikukivi

@Muhima
Ushaka abarundi bamere nka des Ivoiriens ???!!! Urabahenze. Ariko kandi umenye ko iyo inkuba ikubise ihitana umwansi n’umukunzi.

9.01.2017 à 15:20
GIGI

Abasoda b’Abarundi murindiriye iki ?nimugire vuba musohoke mu makambi yanyu nkaba Ivoirien

9.01.2017 à 11:00
Muha

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.