IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Cote d’Ivoire: Umushikiranganji wa mbere na Reta batanze imihoho

Cote d’Ivoire: Umushikiranganji wa mbere na Reta batanze imihoho

lundi 9 Nzero 2017

Umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Cote d’Ivoire Daniel Kablan Duncan na Reta yiwe batanze imihoho inyuma y’umubonano wahuje umukuru w’igihugu Alassane Ouattara nawe.

Inyuma y’umubonano wabaye mu gatondo ko kuri uno wa mbere igenekerezo rya 9 Nzero 2017,umukuru w’igihugu Alassane Ouattarayemeye ko Reta itanga imihoho yongera ashira igikumu akura abahanuzi badasanzwe mu biro vy’umukuru w’igihugu.

Muri ino ndwi, bitegekanijwe ko hazoba hari ibikorwa vyinshi harimwo gusubiriza abashikiranganji,harimwo kandi n’igikorwa c’abashingamateka co gutora umukuru w’inama nshingamateka muri ico gihugu.

Umukuru w’igihugu Alassane Ouattara vyitezwe ko agena umushikiranganji wa mbere nkuko biri mw’ibwirizwa nshingiro rishasha.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.