Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Cote d’Ivoire : Uwahoze ari umutambukanyi w’umukuru w’igihugu ashobora (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Cote d’Ivoire : Uwahoze ari umutambukanyi w’umukuru w’igihugu ashobora (...)

Cote d’Ivoire : Uwahoze ari umutambukanyi w’umukuru w’igihugu ashobora gupfungwa ubuzima bwiwe bwose

vendredi 18 Munyonyo 2016, par Egide NDUWIMANA

Sentare yo muri Cote d’Ivoire yafashe ingingo yo kuzocira urubanza Simone Gbagbo ko yakoze ivyaha bihohotera agateka kazina muntu, inyuma y’aho we n’abamuburanira bankiye kwitaba sentare mu rubanza rwari rutegekanijwe kuri uwu wa gatatu.

Simone Gbagbo ni umutambukanyi wa Laurent Gbagbo yahoze atwara ico gihugu, asanzwe ariko aburanishirizwa muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha y’I La Haye mu Buhorande.

Laurent Gbagbo yahoze arongoye Cote d’Ivoire yaranse kwemera ivyavuye mu matora mu 2010 aca yanka no kuva ku butegetsi, ari nayo yabaye intandaro y’ugusubiranamwo kw’abanyagihugu kwahitanye abantu bashika ku bihumbi bitatu.

JPEG - 29.5 ko
Simone Gbagbo ni umutambukanyi wa Laurent Gbagbo yahoze atwara ico gihugu, asanzwe ariko aburanishirizwa muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha y’I La Haye

Simone Gbagbo umutambukanyi wiwe yagirizwa kumushigikira mu kugumura abashigikiye umugabo wiwe, hamwe n’ukwica abatavuga rumwe nawe.

Urubanza rwiwe rwasubiye gutumwako kandi kw’igenekerezo rya 28 Munyonyo 2016, bikaba vyitezwe ko acirirwa urubanza rw’ugufungwa ubuzima bwiwe bwose.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.