Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Cote d’Ivoire : Uwahoze ari umutambukanyi w’umukuru w’igihugu ashobora (...)
Cote d’Ivoire : Uwahoze ari umutambukanyi w’umukuru w’igihugu ashobora gupfungwa ubuzima bwiwe bwose
vendredi 18 Munyonyo 2016, par
Sentare yo muri Cote d’Ivoire yafashe ingingo yo kuzocira urubanza Simone Gbagbo ko yakoze ivyaha bihohotera agateka kazina muntu, inyuma y’aho we n’abamuburanira bankiye kwitaba sentare mu rubanza rwari rutegekanijwe kuri uwu wa gatatu.
Simone Gbagbo ni umutambukanyi wa Laurent Gbagbo yahoze atwara ico gihugu, asanzwe ariko aburanishirizwa muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha y’I La Haye mu Buhorande.
Laurent Gbagbo yahoze arongoye Cote d’Ivoire yaranse kwemera ivyavuye mu matora mu 2010 aca yanka no kuva ku butegetsi, ari nayo yabaye intandaro y’ugusubiranamwo kw’abanyagihugu kwahitanye abantu bashika ku bihumbi bitatu.
- Simone Gbagbo ni umutambukanyi wa Laurent Gbagbo yahoze atwara ico gihugu, asanzwe ariko aburanishirizwa muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha y’I La Haye
Simone Gbagbo umutambukanyi wiwe yagirizwa kumushigikira mu kugumura abashigikiye umugabo wiwe, hamwe n’ukwica abatavuga rumwe nawe.
Urubanza rwiwe rwasubiye gutumwako kandi kw’igenekerezo rya 28 Munyonyo 2016, bikaba vyitezwe ko acirirwa urubanza rw’ugufungwa ubuzima bwiwe bwose.
IGIHE
Messages
18 Munyonyo 2016, 16:35, par dusabikanye
vyose nivyubusa,bishira ku mwanya none iyo atanga igihugu ku neza ntaba ari mw’ituze. mbwire gito canje n’ibito vyabandi bishatse vyumvireho. ivyisi ntibihezwa, bref be n’umugabo ni bawote kuko barawucanye
18 Munyonyo 2016, 17:24, par Domitien
Nimba Yarakoze Ivyaha Ntakundi Niyihangane.
18 Munyonyo 2016, 23:20, par idi
ico gihano kiramukwiye kuko yashigikiye umugabo muguhohotera n’ukwica abanyagihugu
19 Munyonyo 2016, 11:18, par FNL
Denise Nkurunziza araba yitegura nawe, fimbo chapa
19 Munyonyo 2016, 18:33, par Christian
ESEKUBA WITWA NYAKUBAHWA UGAHERUKIRAMUGACHO KUBUZIMABWAWEBWOSE UBWOBUZIMA NTABWONKENEYE ARIKO ABAZUNGU BANYANYASA ABAHUTUNDABIBONA NTAKUNDI ICUGIRIYEMWENEWANYU NAWE UKWIYEKUKIGIRIGWA
19 Munyonyo 2016, 18:40, par Christian
abazomukurikirabonibenchi nibaguracho muri afriko nivyovyeze
20 Munyonyo 2016, 08:33, par Morodikayi Jon
Icogihano cogufurwa ubuzima bwiwe bwose kirakwiye gose. ntukifuza natwabarundi , Nkurunziza uwahoze arongoye uburundi hamwe,nabiwe bose bamufashije gutikiza inganda, baribakwiye gutabwa muri yompi bakabazwa ivyaha bokoze, bikunze bagacibwa iziriko ziracibwa abandi. Abarundi twokwiruhutsa ata ashiii.
21 Munyonyo 2016, 17:06, par James
Mubisanzwe uwakoze neza azoja mw’ijuru ariko uwakoze nabi nawe azoja mumuriro udahera. Nakare umuntu azobazwa ivyo yakoze. Murakoze