IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Côte d’Ivoire yatowe kuja mu nama ya ONU ijejwe umutekano

Côte d’Ivoire yatowe kuja mu nama ya ONU ijejwe umutekano

samedi 3 Ruheshi 2017

Mw’itangazo ryashizwe ahabona kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 2 Ruheshi 2017,ibiro vy’umukuru w’igihugu bimenyesha ko inyuma y’imyaka 26 yari iheze igihugu ca Côte d’Ivoire kitaja muri ico kibanza,vyerekana icizere amakungu yasubiye kugira ku gihugu.

Umukuru w’igihugu Alassane Ouattara yavuze ko kuba igihugu ciwe catowe kuba mu bihugu bitama mu nama ya ONU ijejwe umutekano ari intambwe nshasha mu bijanye n’imigenderanire n’ibindi bihugu.

Umukuru w’igihugu Alassane Ouattara yavuze ati : « Igihugu ca Côte d’Ivoire kizokora ivyo kijejwe,cubashe inkingi z’amahoro ,zo kuganira no kubabariranira, igihugu canje kizsangira n’amakungu icigwa cakuye mu gukorana igihe kirekire n’umurwi w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ukrera mu gihugu ca Côte d’Ivoire (ONUCI). »

Inama ya ONU ijejwe umutekano igizwe n’ibihugu cumi bitorwa ku myaka ibiri, hamwe n’ibihugu bitanu vyamaho,navyo akaba ari Ubwongereza,Ubushinwa,Ubufaransa,Uburusiya na Amerika.

Ibihugu bishasha vyinjiye mu nama y’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU ijejwe umutekano bizotangura gukorana mu kwezi kwa mbere ,mu mwaka wa 2017.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.