Ethiopiya : Reta yahagaritse ubuhinga ngurukanabumenyi bwa internet

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 1er juin 2017 saa 11:12
Yasomwe : 3213
0 0

Icegera c’umushikiranganji ajejwe gutumatumanako amakuru mu gihugu ca Ethiopiya amenyesha ko Reta yahagaritse ubuhinga ngurukanabumenyi bwa Internet mu gihugu.

Amakuru ava mu gihugu ca Ethiopiya amenyesha ko Reta ya Ethiopiya yahagaritse ubuhinga bwa Internet kuva mw’ijoro ryo ku munsi wa mbere igenekerezo rya 29 Rusama 2017.

Ikinyamakuru Jeuneafrique kimenyesha ko iyo ngingo yoba yafashwe mu ntumbero yo gutuma babuza ko hoba ubusuma bw’ibibazo biciye mu buhinga ngurukanabumenyi nkuko vyabaye mu mwaka uheze,aho Ubushikiranganji bw’amashuri bwategerejwe gusubizamwo ikibazo,mu gihe ikindi cari cibwe.

Muri iki gihe abanyeshuri mu gihugu ca Ethiopiya bariko bakora ibibazo,ikinyamakuru c’abongereza The Guardian kimenyesha ko iyo ngingo yoba yafashwe mu ntumbero yo gukinga ivyabaye mu mwaka w’ishuri wa 2016 ntibisubire kuba.

Amashirahamwe mpuzamakungu akorera ku murwa mukuru wa Ethiopiya Addis-Abeba yamaze kumenyesha ko ibikorwa bitariko bikorwa neza kubera ata buhinga ngurukanabumenyi buriko burakoreshwa muri ino minsi.


Kumenyekanisha

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha