IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Etiyopiya : Umushikiranganji wa mbere yagiriza inzego z’umutekano gukoresha (...)

Etiyopiya : Umushikiranganji wa mbere yagiriza inzego z’umutekano gukoresha iterabwoba

mardi 19 juin 2018

Amakuru dukesha urubuga rw’iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko umushikiranganji wa mbere, Abiy Ahmed yabimenyesheje igihe inama nshingamateka yamubaza igituma abagirizwa ivyaha vy’iterabwoba ari bamwe mu baheruka gupfungurwa.

Yavuze kandi ko mu gihugu ca Etiyopiya hose ubu hari abantu bamwe bariko bakorerwa ihohoterwa kandi bakaba bapfungiwe no mu bibanza bitarimwo umuco.

Abiy Ahmed yabajije abashingamateka nimba hari ibwirizwa nshingiro rivuga ko umuntu wese yaciriwe igihano na sentare ashobora guhohoterwa , hanyuma agapfungirwa mu kibanza kitarimwo umuco.

Mu mezi abiri amaze arahiye, Abiy Ahmed aramaze kwirukana bamwe mu bategetsi b’iperereza n’igisirikare.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.