IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Etiyopiya : Umushikiranganji wa mbere yatanze imihoho

Etiyopiya : Umushikiranganji wa mbere yatanze imihoho

jeudi 15 février 2018

Hailemariam Desalegn yasavye gutanga imihoho kur’uyu wa kane igenekerezo rya 15 Ruhuhuma 2018, inyuma y’ingingo ya Reta yo kurekura abapfungiwe ivya poritike, barimwo n’abantu bazwi cane ko batavuga rumwe n’ubutegetsi.

Muri iyi ndwi, abanyagihugu bo mu bwoko bwa Oromo bagize imyiyerekano biyamiriza irekurwa ry’abari bapfunzwe bahawe ikigongwe ririko rikorwa buke buke, kandi bari bijejwe ko bitazorenga ukwezi kwa mbere 2018.

Iyo myiyerekano yahagaze, igihe abo bari bapfunzwe barekurwa, ariko benshi berekanye ko bisa nuko hari inguvu zashizwe kuri Reta.

Hailemariam Desalegn Boshe w’imyaka 52 yabaye umushikiranganji wa mbere mu mwaka wa 2012, asubiriye Meles Zenawi. Ku ntwaro yiwe, igihugu carateye imbere mu bijanye n’ubutunzi n’inyubako.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.