IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Abasirikare ba CEDEAO biteguye kwinjira muri Gambia

Abasirikare ba CEDEAO biteguye kwinjira muri Gambia

jeudi 19 Nzero 2017

Abasirikare bava mu bihugu bigize ishirahamwe riraba ivy’ubutunzi mu karere ka Afrika y’Uburengero CEDEAO bari ku mipaka ya Gambia,inyuma yabo umukuru w’igihugu Yahya Jammeh yatsinzwe mu matora na Adama Barrow yankiye kuva ku butegetsi.

Col. Seydou Maiga Moro ava mu gihugu ca Senegal ari nawe arongoye abo basirikare,amenyesha ko abasirikare bose biteguye kwinjira mu gihugu ca Gambia mu gihe ata nyishu yoboneka ngo Yahya Jammeh ave ku butegetsi.

Ku ruhande rw’isirikare ca Gambia ,umukuru w’abasirikare Ousman Badjie yavuze ko abasirikare biwe batazogwana n’abasirikare b’igihugu ca Senegal ni baramuka binjiye mu gihugu. Yavuze ko ibibera mu gihugu ca Gambia ari impari za politike, kandi ko adashobora kurungika abasirikare biwe akunda mu ngwano idafise insiguro.

Bitegekanijwe ko Yahya Jammeh ava ku butegetsi kuri uno wa kane igenekerezo rya 19 Nzero 2017,inyuma yo gutsindwa na Adama Barrow mu matora yabaye mu kwezi kwa Kigarama 2017.

Yahya Jammeh yagiye ku butegetsi mu mwaka wa 1994.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.