IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Gambia: Adama Barrow arakirwa mu mabanga yo kurongora igihugu

Gambia: Adama Barrow arakirwa mu mabanga yo kurongora igihugu

samedi 18 Ruhuhuma 2017

Kuri uno wa gatandatu igenekerezo rya 18 Ruhuhuma,umwaka wa 2017, niho umukuru w’igihugu mushasha wa Gambia Adama Barrow yakirwa mu mabanga yo kurongora igihugu, mu birori bibera ku murwa mukuru i Banjul.

Adama Barrow yari yarahiriye mu nyubakwa z’ubuserukizi bw’ico gihugu muri Senegal, hari mu kwezi kwa mbere ,umwaka wa 2017.

Umukuru w’igihugu ca Gambia Adama Barrow yashitse ku butegetsi inyuma yaho Yahya Jammeh yasubiriye abanje kwanka kuva ku butegetsi yanse ivyavuye mu matora yabaye mu kwezi kwa Kigarama,umwaka wa 2016.

Yahya Jammeh yagondojwe n’uko ibihugu bihurikiye mw’ishirahamwe ry’ubutunzi ry’akarere ka Afrika y’Uburengero CEDEAO birungitse abasirikare aca ahungira mu gihugu ca Guinne Equatoriale.

Uyu munsi wo kwakira Adama Barrow ku butegetsi,uhururiranye n’ihimbazwa ry’imyaka 52 igihugu ca Gambia kimaze kironse intahe yo kwikukira, kandi akaba abaye umukuru w’igihugu agira gatatu.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.