Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Gambia: Adama Barrow yitavye inama Afrique-France
Gambia: Adama Barrow yitavye inama Afrique-France
dimanche 15 Nzero 2017
Umukuru w’igihugu yatsinze amatora mu gihugu ca Gambia Adama Barrow ,yitavye ubutumire bw’ inama igira 27 ihuza ibihugu vyo ku mugabane wa Afrika n’igihugu c’Ubufaransa.
Amakuru ava mu bitavye iyo nama amenyesha ko,Adama Barrow yatumiwe muri iyo nama nk’umukuru w’igihugu yatowe. Bavuga ko ari ubutumwa bukomeye ku mukuru w’igihugu Yahya Jammeh asigaje iminsi itanu gusa kugira ikiringo ciwe gihere.
Adama Barrow yatsinze amatora mu gihugu ca Gambia,yashitse muri iyo nama ari kumwe n’umukuru w’igihugu ca Nigeria Muhammadu Buhari,ariko agerageza guhuza mu gihugu ca Gambia.
Umwe mu bategetsi bavuye mu gihugu c’Ubufaransa yavuze ko ibihugu vyinshi vy ku mugabane wa Afrika, hamwe n’Ubufaransa bari bipfuje ko Adama Barrow yitaba iyo nama.
IGIHE
Messages
15 Nzero 2017, 13:41, par Kararuza
Raba aba Presidents bose b’Afrika bagiye muri Mali,na Nyakubahwa Paul Kagame yarahari, uwiwacu Peter Nkurunziza ari kwica abanyagihugu gusa, pauvre Burundi
18 Nzero 2017, 05:00, par Ntakirutimana AL Joel
Hahahahaha, urantwengeje nukuri KARARUZA, burya nturabitahura!? Nkurunziza Petero asigaye arigatinya shengero, kugezuyumusi hakumubwira koyova ibujumbura gwahayagenda mubihungu vyahanze yotumapfa. Urya nubwo vyamugoye aratahura kwarimumafuti, yibaza yuko arinze ahonyoza ikirenge mubindibihugu, kwamakungu yo camufatisha kuvyaha yagirizwa, nicogituma atokwihenda rwararenze umupaka wi gihugu.