IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Gambia: Reta yafashe ubutunzi bwa Yahya Jammeh yahoze arongoye ico (...)

Gambia: Reta yafashe ubutunzi bwa Yahya Jammeh yahoze arongoye ico gihugu

mardi 23 Rusama 2017

Ububiko 90 hamwe n’amashirahamwe ashika 14 nivyo vyafashwe na Reta ya Gambiya inyuma y’ingingo yafashwe na Reta kuri uno wa mbere igenekerezo rya 22 Rusama, umwaka wa 2017.

Umushikiranganji w’ubutungane mu gihugu ca Gambiya, Abubacarr Tambadou, yavuze ko uwahoze atwara igihugu yavuye ku butegetsi yivye amafaranga ashika ku miriyoni 50 z’amadorare.

Aho yahungiye mu gihugu ca Guinee Equatoriale, Yahya Jammeh, nabo bahorana ku butegetsi ntaco barashikiriza.

Yahya Jammeh yatsinzwe na Adama Barrow mu matora y’umukuru w’igihugu yabaye mu kwezi kwa cumi na kabiri, mu mwaka uheze wa 2016 . Yari amaze imyaka 22 atwara igihugu ca Gambia.


MUGISHA Van

Messages

  • Abo Bagesera Bafata Igihugu Nkitongo Ryabase Bagaca Banyonyobeza Ubutunzi Bwa Leta Nukubahasha Murabona Iryobara Ingene Yatsinzwe Mumatora Agaca Yanka Kuva Kubutegetsi .Abanya Frika Dukwiye Kwigishwa Demokarasi Kweri.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.