Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Amakuru \BB Muri Afrika
Gambia : Umukuru w’ibiro bikuru vy’intwaramiheto yashigikiye Yahya Jammeh
Yanditswe taliki ya 5-01-2017 - isaha 11:05' na IGIHE

Umukuru w’ibiro bikuru vya gisirikare mu gihugu ca Gambia Gen Ousman Badjie yamenyesheje ko ashigikiye umukuru w’igihugu Yahya Jammeh aheruka gutsindwa amatora y’umukuru w’igihugu.

Mu butumwa bwo kwipfuriza umwaka mushasha Yahya Jammeh, Gen Ousman Badjie yamenyesheje ko igisirikare ca Gambia gishigikiye Yahya Jammeh.

Naho Adama Barrow yatsinze amatora nkuko vyashikirijwe n’umurwi utegura amatora,yarondeye Gen Ousman Badjie ngo amushigikire, si irya mbere uwo mu general yerekanye ko ashigikiye Yahya Jammeh.

Naho biri ukwo, ishirahamwe ry’ibihugu vyo mu karere k’Uburengero bwa Afrika vyaramze kumenyesha ko vyanse ku neza, bishobora gukoresha inguvu za gisirikare mu gukura Yahya Jammeh ku butegetsi.

Ivyiyumviro vyanyu

Mbuze,kamwe,yabuze,imbwa,ararira.Nave,kubutegetsi,bwabandi,canke,azobe,nka,kadafi,wa,ribiya.Urafyina,kuri,otan

5.01.2017 à 19:41
Daniela

Uyu na shebuja wiwe Jammeh ntibamara kabiri batarashwe n’ingabo za ECOWAS

5.01.2017 à 14:45
Kararuza

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.