Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Gambia: Uwohoze atwara igendereza ari mu minwe y’igipolisi
Gambia: Uwohoze atwara igendereza ari mu minwe y’igipolisi
mercredi 22 Ruhuhuma 2017
Uwahoze arongoye ikigo c’igihugu kijejwe igendereza mu gihugu ca Gambia ku ntwaro ya Yahya Jammeh Yankuba Badjie, ari mu minwe y’igipolisi ca Gambia kuva kuwa mbere igenekerezo rya 20 Ruhuhuma,umwaka wa 2017.
Umuvugizi w’igipolisi mu gihugu ca Gambia yabwiye iradiyo y’abafaransa RFI ko Yankuba Badjie yarahagaritswe yagirizwa ubwicanyi, guhohotera hamwe no kunyuruza abantu.
Amashirahamwe ahararanira agateka ka zina muntu muri Gambia hamwe n’abatavuga rumwe na Reta ya Yahya Jammeh, bagiriza Yankuba Badjie ko yishe, arahohotera yongera akora ibikorwa vyo kunyuruza abanyagihugu.
Kuwa mbere yabajijwe ari kumwe na Sheikh Omar Jeng yari ajejwe ibikorwa mu biro vy’igendereza,bakaba kandi babaye abategetsi ba mbere bakomeye bari mu butegetsi bwa Yahya Jammeh barengutse imbere y’ubutungane.
Amakuru dukesha iradiyo y’abafaransa RFI amenyesha ko nubu hari abari bacibaza igituma Yankuba Badjie acidegemvya.
IGIHE
Messages
23 Ruhuhuma 2017, 08:22, par Nzeyimana
Wakamatwe wote wahukumiwe.