IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Gambia: Uwohoze atwara igendereza ari mu minwe y’igipolisi

Gambia: Uwohoze atwara igendereza ari mu minwe y’igipolisi

mercredi 22 Ruhuhuma 2017

Uwahoze arongoye ikigo c’igihugu kijejwe igendereza mu gihugu ca Gambia ku ntwaro ya Yahya Jammeh Yankuba Badjie, ari mu minwe y’igipolisi ca Gambia kuva kuwa mbere igenekerezo rya 20 Ruhuhuma,umwaka wa 2017.

Umuvugizi w’igipolisi mu gihugu ca Gambia yabwiye iradiyo y’abafaransa RFI ko Yankuba Badjie yarahagaritswe yagirizwa ubwicanyi, guhohotera hamwe no kunyuruza abantu.

Amashirahamwe ahararanira agateka ka zina muntu muri Gambia hamwe n’abatavuga rumwe na Reta ya Yahya Jammeh, bagiriza Yankuba Badjie ko yishe, arahohotera yongera akora ibikorwa vyo kunyuruza abanyagihugu.

Kuwa mbere yabajijwe ari kumwe na Sheikh Omar Jeng yari ajejwe ibikorwa mu biro vy’igendereza,bakaba kandi babaye abategetsi ba mbere bakomeye bari mu butegetsi bwa Yahya Jammeh barengutse imbere y’ubutungane.

Amakuru dukesha iradiyo y’abafaransa RFI amenyesha ko nubu hari abari bacibaza igituma Yankuba Badjie acidegemvya.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.