IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Gambia: Yahya Jammeh yagenye umuhuza

Gambia: Yahya Jammeh yagenye umuhuza

jeudi 12 Nzero 2017

Umukuru w’igihugu ca Gambia Yahya Jammeh yagenye umuhuza yagenye umuhuza yofasha gutorera inyishu,ibibazo vya politike biri mu gihugu,inyuma y’amatora y’umukuru w’igihugu yatsinzwe na Adama Barrow .

Mw’ijambo yashikirije abanyagihugu, Yahya Jammeh yavuze ko yategetse inama nshingamateka n’ubushikiranganji bw’ubutungane gushiraho itegeko ribuza abantu kwihereza amabarabara, aho yasavye kandi ko hoba ukugiriranira imbabazi.

Umukuru w’igihugu Yahya Jammeh yavuze ashimitse ko ari ngombwa ko igihugu ciwe kirindira ingingo ya sentare nkuru imenyesha uwatsinze amatora y’umukuru w’igihugu yabaye mu kwezi guheze.

Ibi bije bikurikira itangazo ryo ku musi wa kabiri igenekerezo rya 9 Nzero 2017,aho sentare nkuru yamenyesheje ko urwo rubanza rutazumvirizwa gushika mu kwezi kwa gatanu igihe umucamanza w’umunye Nigeria arongoye iyo sentare azoba yaronse umwanya.

Ashikiriza ijambo ku mboneshakure ya Gambia,Yahya Jammeh yanse amakungu yivanga muri ico kibazo inyuma yo gutsindwa mu matora yatsinzwe Adama Barrow.

Yasavye umuntu wese kwubahiriza ubutungane no kurindira ingingo ya sentare nkuru kuvyerekeye ayo matora.

Yanebaguye ishirahamwe ECOWAS kuba yafashe ingingo zikomeye bivuye kuri ayo matora.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.