Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Gambia: Yahya Jammeh yemeye kuva ku butegetsi
Gambia: Yahya Jammeh yemeye kuva ku butegetsi
samedi 21 Nzero 2017
Yahya Jammeh yahora arongoye igihugu ca Gambia yemeye kuva ku butegetsi inyuma y’amasaha arenga cumi n’abiri ariko arabonana n’abakuru b’ibihugu bo mu karere ka Afrika y’Uburengero.
Mw’ijambo yashikirije ku mboneshakure y’igihugu,Yahya Jammeh yavuze ko yafashe ingingo yo kuva ku butegetsi kuko akunda abanyagihugu ba Gambia kandi yanka ko amaraso yohava aseseka mu ngwano zokwaduka.
Bitegekanijwe ko Yahya Jammeh ashobora guhungira mu gihugu ca Mauritania kimwe mu bihugu vyaterereye nk’umuhuza,bigerageza kwumvisha Yahya Jammeh ko yova ku butegetsi inyuma yo kwemera ko yatsinzwe mu matora,hanyuma akabihakana.
Adama Barrow yatsinze amatora ,yaramaze gusaba abasirikare ko boguma bayoboka inzego kugira igihugu ntikirwe mu manga.
IGIHE
Messages
21 Nzero 2017, 17:40, par Alain Nyabenda
Mana dutabaze aba CEDEAO benshi kandi beranda.
21 Nzero 2017, 21:26, par Nema
Niyigire Ntangorane
21 Nzero 2017, 21:26, par Nema
Niyigire Ntangorane
22 Nzero 2017, 11:35, par Nahason Nkurikiyimana
Nivyizaa Kweri Mugabo Uyuyatsize Nomusaba Kuregeravyose Agakigira Nubuzima Bwuwoyatsizwe Kand Akamuremesha Mbere Uguhuga Ntibhbemwo Kuk Arico coba Cerekana Democras Nyakuri Mugihe Yoba Afise Impuzi Ntahoyoba Atadukaniye Nabamakudeta
24 Nzero 2017, 07:06, par Ntakirutimana Jonatan
Nagende agwemubuhungiro uwomugesera arakengerana.