IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Gambia yavuye muri Sentare mpuzamakungu mpanavyaha

Gambia yavuye muri Sentare mpuzamakungu mpanavyaha

mercredi 26 Gitugutu 2016, par Egide NDUWIMANA

Igihugu kigira gatatu co muri Afrika camenyesheje ku mugaragaro ko cikuye mu masezerano ashiraho Sentare mpuzamakungu mpanavyaha. Inyuma y’Uburundi na Afrika y’epfo, igihugu ca Gambia cikuye muri iyo Sentare.

Mw’itangazo yasomye ku mugoroba wo kuri uwu wa kabiri, ku mobeshakure y’igihugu ca Gambia, Sherif Bojang, umushikiranganji ajejwe kumenyesha amakuru yagirije Sentare mpuzamakungu mpanavyaha ko ihohotera abanyafrika, cane cane abakuru b’ibihugu vyo muri Afrika.

Igihugu ca Gambia nico mazukiro ya Fatou Bensouda, umushikirizamanza wa Sentare mpuzamakungu mpanavyaha.


IGIHE

Messages

  • Igihugu ca Gambia nico mazukiro ya Fatou Bensouda......mazukiro bisigura iki??

  • Ntihagire umuzosubira kwigereka Uburundi. Independance nyakuri ya Afrika izoca ku gihugu c’Uburundi.
    Burundi urerekanye ko urongowe n’abagabo badatinya abakoroni n’abapfukamye mu nda Afrika.
    Nyakubahwa Petero Nkurunziza, urabera Moise Uburundi na Afrika, mpaka ushikanye ico gihugi niyo continent mu mwidegemvya nyakuri.

  • ABAKURU BIBIHUGU BA AFRICA NIBO BAHOHOTERA KANDI BATUBAHIRIZA UBURENGANZIRA BWA KIREMWA MUNTU

  • Bwabundi nico gituma iyo sentare atakigenda nico gituma abantu birirwa bagandagura abandi yirebera ikaguma uvuga amatohoza birakaja none yoba itwarwa numuntu ava mugihugu nkico canka ubutungane wewe agaheza agakoriki ubwambere uwo muperezida numunyagitugu none wumva yokoriki nico gitumba baguma bamwinginga rwakore amatohoza yihuta hanyuma ngwasohore imitahe kubari baratikiza inganda akaguma yica amatwi gusa birumvikana ko abo bakuru bibihugu bikuye muri yo sentare bugururiye inzira ababarwanya Ngo nabo batangure birwaneko kuko muvyo nabo batinya iyo sentare irimwo kuko ibura guhana inkozi zikibi ikishinga kuzikingira ikibaba bigatuma nabandi bagira ishavu bakivuna kandi ugaca usanga nibo ihereye ko gukurikirana ubwo rero nibarekure j Pierre bemba na j bosco ntaganda

  • sinababariyeko uburundi arigiti kiturirwa? nabado nibindibihugu birinyuma kuko uburundi mbwarahumuyamaso ibihungu vyinshi mugushira kumugaragaro uguhengama kwiryasentare, kanatsinda amarementanya yagirizwa uburundi ntautabonako arakarenganyo kuko abobarugereka abazungu niyosentare ntiberekana uruhara rwabarwanya reta mumabi akorerwa abenegihugu, baratewe amagerenade mumasoko nomububare inzego zumutekano zaratewe kenshi abategetsi baragandagurwa ivyovyakorwa nabatavugarumwe nareta hakubagiza ahubwo bakabakingirikibaba mukuguma bagiriza reta amafuti ibinyoma, rero uburundi bugiyekubahumira kabisa

  • muvamwo mebesha uwakoze amaraso naho atazokwirikiranwa na cpi azobibazwa ugira hussein habre yahora atwara tchad ariko akwirikiranwa na cpi? muvamwo musubira amaraso yabana bibihugu mutwara muzoyishura nama mvuga ugize imana ugapfa nayo ahandi ho uravyishura, canke abo wasize nabone baravyishura akarorero muka havyarimana, muntu ukora ikibi kuri iyisi wishimiriza uraraba ingene asigaye ari ikimaramare !!!!!!

  • Abazungu bashizeho igikingirizocayo ngo umukuru wiyosentare mpuzamakungu numunyafrika, ivyoturabizi nubundi iyobashaka kutwiba ubutunzi bwomubihugu vyacu murikigihe twiyita ngotwarikukiye babanza gushiraho igikoresho cabo citwa ngonumwenegihuhu maze bakaba komesha mubona ngomutwarwa nuwanyu ngokandi mwarikukiye , raba ayo abanyarwanda babonye ukwo Kagame ashaka nikwabagira ntamakungu amuvugisha kuko arigikoresho cabo bishiriyeho.

  • Umwicanyi ntaho ahungira,mbe muzovyumva ryari,u Rwanda ntirurimwo muri CPI ariko abicanyi batsembatsemvye abantu birigwa barafatwa isi yoseivyo bihugu navyo bivamwo bizosubira bironke abayobozi batakoze amaraso bisubire muri CPI,erega nubu ni Nkurunziza na Bunyoni bavuye muri CPI ntibibaze kwari u Burundi bwose,hazopfa kuza ubundi butegetsi duce tubatanga kiretse ni baja kunyegera mu bushinwa

  • Africa igiye kugira power nkuko ibindibice bigize Isi bifise power kugezanaho uwugize ikosa murivyo atawubahuka kubikorako, akarorero namakosa kumuntu yitwa Louis Michel wumu Biligi ivyaherutse kuvugango ’ yarababajwe nukubona kudeta yarapfuye yogutembagaza Nkurunziza na reta yiwe ngwariko azogerageza ukwashoboyekwose ngwazokwumve Nkurunziza yavuye kubutegetsi arimuzima canke ngoyapfuye.
    Ibihuguvyose vyaburaya ntanakimwe cacuze koyavuze nabi nunomisi! None Africa ishigikiranye kuvyizakuvyiza nokubibi mubona ariyo izoba ibaye iyambere? Va ibuzimu jibuntu mwabany’Afrikamwe.

  • Jewe murantwenza ngo u Burundi,Afrique du Sud na Gambie ivyo bihugu vyose leurs Presidents bafise umubano na Peter Nkurunziza,les mendats d’arrêts z’Abarundi zigiye gusohoka bitarenze Novembre

  • Murahinyutse mwaba perezida babicanyi mwe Nkankurunzi! Muvemwo ntimuvemwo abicanyi imisi yabo iraharuye.

  • Abahutu bamenyanye kuko vyerekananeza ivyobihugu kwarivyabahutu.abatutsinabi nibamenyane nibihugu nka etiyopiya na eritereya.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.