Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Gambiya: Adama Barrow mu myiteguro yo guhunguka
Gambiya: Adama Barrow mu myiteguro yo guhunguka
lundi 23 Nzero 2017
Umikuru w’igihugu ca Gambiya ariko aritegura gutahuka, avuye mu gihugu ca Sénégal aho ndetse yarahiriye kurongora igihugu inyuma yaho ahungiye amaze gutsinda amatora.

Adama Barrow avuga ko n’ubu atarizera neza ingabo za Gambiya kuko zerekanye ko zari zishigikiye Yahya Jammeh aherutse guta agahungira mu gihugu ca Guinée Equatoriale, amaze guterwa ubwoba n’ingabo z’umuryango w’Afrika y’Uburengero ko zashobora kumukura ku butegetsi zikoresheje umuheto.
Kuva rero Yahya Jammeh ahunze, ingabo z’igihugu ca Sénégal zikaba zinyuragiranwa muri Gambiya, aho ziriko zirategura ugutahuka k’uyo mukuru w’igihugu mu misi. Adama Barrow iyo ari i Dakar, akavuga ko ico azihutira kuruta ibindi ari umutekano w’abanyagihugu biwe, no gusubiramwo urwego rw’igendereza, kuko ku bwiwe abona ko kuntwaro ya Yahya Jammeh urwo rwego rwakoresha inguvu mu gutoteza abanyagihugu harimwo no kubica.
Mukamenya ko abanyagihugu ba Gambiya n’ubu baguma bagaragaza umunezero bafitiye ingabo za CEDEAO , aho baguma bakomera amashi izo ngabo iyo zirenganye mu biduga vy’indwano

IGIHE
Messages
24 Nzero 2017, 08:35, par yarikoze
biraboneka ko yahya yari yarasesereje abanyagambiya abifashijwemwo nigisirikare kuko umunyagihugu akomeye amashi abasoda mvamakungu bibonekako uyomunezero bafise wazanywe nababanyi kubwabo ntawobari bafise imana ihabwe icubahiro kubwivyo vyakoretse nimbabazi zimana zaje kuri Gambia ese vyokoreka Africa nzima tworuhuka
24 Nzero 2017, 17:00, par nzeyimana
NJANYE NA CEDEAO YABA EAST AFRICAN COMMUNITY IMEZE UKO TUBA TUMEREWE NEZA IYINZARA NTAYO TUBA DUFISE.SHA NABAGABO MWISHWANJ