Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Gambiya: Akarere kavukamwo Yahya Jammeh kakikujwe
Gambiya: Akarere kavukamwo Yahya Jammeh kakikujwe
vendredi 20 Nzero 2017
Mu gihe umukuru w’igihugu ca Gambiya ariko arasabwa kuva ku butegetsi kugira uwatowe n’abanyagihugu ashobore kwinjira mu gihugu, Yahya Jammeh we kugeza nubu asa n’uwutavyerekwa.
Ibiganiro bimaze iminsi biriko biraba hagati y’abakuru b’ibihugu bo mu karere k’ Afrika y’Ubuseruko kugira umukuru w’igihugu mushasha Adama Barrow ashobore gutangura amabanga yiwe atamaraso arinze guseseska, bisa n’aho ataco birashikako.
Kuva mu gatondo ko kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 20 Nzero Alpha Condé umukuru w’igihugu ca Guinée na Mohamed Ould Abdel Aziz arongoye Moritaniya biriwe baranyuragiranwa ku murwa mukuru w ‘igihugu ca Gambiya i Banjul bumvisha Yahya Jammeh kuva ku butegetsi ndetse agahabwa ubuhungiro, mu gihugu cose yipfuza. Yahya Jammeh akaba yagiye arasaba kwigiza imbere ibiganiro amasaha make make kugira ahobore kubandanya aganira n’abo bakuru b’ibihugu umuti wotorerwa ikibazo ciwe n’ukuru w’igihugu mushasha Adama Barow kugeza ubu akiri muri Sénégal.

Mwomenya ko abasirikare bo mu bihugu vya Afrika y’Ubuseruko bitwaje ibikoho bikomakomeye baja bamaze kwinjira mu gihugu ca Gambiya, ndetse bakaba bakikuje n’akarere Yahya Jammeh avukamwo.
IGIHE
Messages
20 Nzero 2017, 20:35, par africa
abakuru bibihugu benabo muri afrika baribakwiye kuzabaratuzwa nka jemmeh kukoribo batubujij iterambere muri afrika kubitiyobwa
21 Nzero 2017, 08:11, par nkazangendo mothy
that is a good president in Africa you quickly to stop a blood .Africa we wonted to up that it because Africa is they home. every president that is it jameh are thinking going in your county to with a relaxing home.
21 Nzero 2017, 09:25, par eac
Mu minsi mikeya asirikare ba eac na oua bazoba bafashe commune Mwumba i Burundi
21 Nzero 2017, 12:57, par kaburante navy
aba ba president 2 bakwiye kwandika mumateka ya africa bikazoba icigwa kubazovuka hamwe nibi bihugu vyarungitse abasirikare 2 Senegal na Nigeria gukura uwigikenye kubutegetsi rero nibindi bihugu bihereranye nubuhugu butaraja munzira ya democratie boza barakora nkuko afrika yoba iyambere mwiterambere rikomeye ntangazwa nibica bijangaho bikigira sindabibazwa kandi vyarigutorera umuti wivyo bibazo turakeje ubutwari bwivyo bihugu naho tutahaba twanezerejwe nukuntu abanyagihugu baraye mwibarabara kubwakanyamuneza kenshi kubona umurongozi agondozwa akavugako avuyeho atamaraso wsesetse biduhe isomo twebwe abarundi.
22 Nzero 2017, 22:38, par Nzeyimana
Nibakureho uwomuhimbiri ruriko ruramubiza urupfu, burya iy ’Imana igomba kwiyerekana kutagodwa ibakomantaza umutima.