Uburundi bwaserukiwe mu nama y’ubumwe bwa Afrika yatanguye muri Ethiopie

Yanditswe na Egide NDUWIMANA
Kuya 3 juillet 2017 saa 09:54
Yasomwe : 9279
0 0

Inama igira iya 29 y’abakuru b’ibihugu vyo mw’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika itangura kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 3 Mukakaro 2017 i Addis Ababa mu gihugu ca Ethiopia. Iyo nama izomara iminsi ibiri, Uburundi bukaba bwaserukiwe na Gaston SINDIMWO, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu.

Muri iyo nama, abakuru b’ibihugu bo mw’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika barabira hamwe impinduka zasabwe ko zokorwa muri iryo shirahamwe, hamwe n’ibijanye n’ugufashanya gukwiye kuranga ibihugu bigize iryo shirahamwe.

Muri iyo nama, barigira hamwe kandi ivyokosorwa mu mategeko ahari, kugira uruja n’uruza rw’abantu n’ibidandazwa rworohe muri iryo shirahamwe.


Kumenyekanisha

1
NDAYIZEYE EMANWER 10-07-2017 à 20:45

uwo muntu aserukira uburundi ndamwemera kuko abantubeshi bavugako umukuru wuburundi adakwiye kongera gutwara ariko ntakosa rimwagira ko atotwara . mubirabe icomwokora

2
nahimana floribert 6-07-2017 à 13:58

afrika Nay Niz Iraraba Yitunganye Akarorer Laubert Mugabo

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha