IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Ghana: Umukuru w’igihugu yashinze Reta igizwe n’abashikiranganji (...)

Ghana: Umukuru w’igihugu yashinze Reta igizwe n’abashikiranganji ijana

vendredi 17 Ntwarante 2017

Umukuru w’igihugu ca Ghana Akufo Addo yashinze Reta ya mbere igizwe n’abashikiranganji 100 kuva igihugu ca Ghana kibayeho.

Kuwa gatatu igenekerezo rya 15 Ntwarante,umnwaka wa 2017,umukuru w’igihugu Akufo Addo yamenyesheje kandi ko agenye ivyegera 50 vy’abashikiranganji hamwe n’abashikiranganji bane b’igihugu.

Umumenyeshamakuru wa BBC ku murwa mukuru wa Ghana Accra, yavuze ko abo bashikiranganji biyongereye ku bari bahasanzwe, igitigiri c’abashikiranganji gica gishika 110, igitigiri kitari bwigere gishikwako muri kahise k’igihugu ca Ghana.

Kubera ubwinshi bw’abashikiranganji,hari ubushikiranganji bufise abashikiranganji bane harimwo n’ivyegera vyabo, kandi abo bose bazohabwa imiduga y’akazi, amazu ya Reta, batekeregwe bageze mu karuhuko k’izabukuru n’ibindi.

Uwurongoye umurwi w’inkehwa mu nama nshingamateka, yagereranije iyo Reta n’inzovu aca amanyesha ko ata kindi ije gukora atari ugutembagaza ubutunzi bw’igihugu.

Umushikiranganji ajejwe gutumatumanako amakuru Mustafa Hamid yashigikiye igenwa ry’iyo Reta, asigura ko umukuru w’igihugu akeneye abashikiranganji bakwiye kugira bamufashe gutorera umuti ingorane z’igihugu.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.