IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Grace MUGABE umupfasoni wa Robert MUGABE yagirizwa gukubita umukobwa yari (...)

Grace MUGABE umupfasoni wa Robert MUGABE yagirizwa gukubita umukobwa yari kumwe n’abahungu biwe mw’ihoteri

mercredi 16 Myandagaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Iradiyo BBC imenyesha ko Grace Mugabe yakubitse Gabriella w’imyaka 20 mu mpera z’iyi ndwi, igihe yamusanga arikumwe n’abahungu biwe mw’ihoteri iri mu gace kitwa Sandton mu gisagara ca Johannesburburg.

Grace Mugabe yari yagiye mu gihugu ca Afrika y’epfo agiye kwivuza inyuma yo kugira isanganya mu kwezi guheze kwa Mukakaro.

JPEG - 96.9 ko
Grace MUGABE umupfasoni wa Robert MUGABE yagirizwa gukubita umukobwa yari kumwe n’abahungu biwe mw’ihoteri

Umushikiranganji w’umutekano wo muri Afrika y’epfo, Fikile Mbalula, yamenyesheje ko Grace Mugabe ategerezwa kuja imbere y’ubutungane, kuko ata muntu yoja mu gihugu ca Zimbabwe ngo akore ivyo yishakiye bitajanye n’amategeko.

Umwigeme Gabriella Angels yamenyesheje ko yakubitishijwe umugozi bakoresha mu kwinjiza umuriro mu mashini nyabwonko, ivyatumye akomereka ndetse asigarana inguma ku mubiri.

Umushikiranganji ajejwe kumenyesha amakuru mu gihugu ca Zimbabwe Christopher Mushowe yamenyesheje ko ibiregwa Grace Mugabe ataco abiziko.

JPEG - 70.7 ko
Gabriella Engels yakomerekejwe ku gahanga n’umupfasoni w’umukuru w’igihugu Robert MUGABE

Vianney BIKORIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.