Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Guinée Conakry: Uwurongoye umurwi utegura amatora yakuwe mu mabanga
Guinée Conakry: Uwurongoye umurwi utegura amatora yakuwe mu mabanga
jeudi 6 Mukakaro 2017
Amakuru ava aho mu gihugu ca Guinée Conakry amenyesha ko abakomiseri 18 kuri 19 b’umugwi ujejwe amatora aribo bemeje ko Bakari Fofana akurwa muri ayo mabanga .
Abasanzwe batavuga rumwe na Reta ya Guinee Conakry bamenyesha ko batemera iryo kurwa rya Bakari Fofana kuko bari barindiriye umugambi wo guhindura no gutunganya gushasha umugwi ujejwe amatora,wari warungitswe mu nama nshingamateka ngo uvyige.
Abarongoye imigambwe itavuga rumwe na Reta ya Alpha Conde, bagiriza uwo mukuru w’igihugu ko ariwe ariko arasambura uwo mugwi ujejwe amatora mu ntumbero yo kuburizamwo amatora .
Bakari Fofana yari yatanguye gutwara umurwi w’amatora muri Guinee Conakry kuva mu mwaka wa 2011,akaba yasubirijwe na Salifou Kebé yari asanzwe ari umuyobozi mukuru ajejwe igisata c’ ubutungane .
BIKORIMANA Vianney