Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Guinée Conakry: Uwurongoye umurwi utegura amatora yakuwe mu mabanga - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Guinée Conakry: Uwurongoye umurwi utegura amatora yakuwe mu mabanga

Guinée Conakry: Uwurongoye umurwi utegura amatora yakuwe mu mabanga

jeudi 6 Mukakaro 2017

Amakuru ava aho mu gihugu ca Guinée Conakry amenyesha ko abakomiseri 18 kuri 19 b’umugwi ujejwe amatora aribo bemeje ko Bakari Fofana akurwa muri ayo mabanga .

Abasanzwe batavuga rumwe na Reta ya Guinee Conakry bamenyesha ko batemera iryo kurwa rya Bakari Fofana kuko bari barindiriye umugambi wo guhindura no gutunganya gushasha umugwi ujejwe amatora,wari warungitswe mu nama nshingamateka ngo uvyige.

Abarongoye imigambwe itavuga rumwe na Reta ya Alpha Conde, bagiriza uwo mukuru w’igihugu ko ariwe ariko arasambura uwo mugwi ujejwe amatora mu ntumbero yo kuburizamwo amatora .

Bakari Fofana yari yatanguye gutwara umurwi w’amatora muri Guinee Conakry kuva mu mwaka wa 2011,akaba yasubirijwe na Salifou Kebé yari asanzwe ari umuyobozi mukuru ajejwe igisata c’ ubutungane .


BIKORIMANA Vianney

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.