Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Guinee Equatoriale : Ubutegetsi bwagiriza Ubufaransa kugira uruhara mu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Guinee Equatoriale : Ubutegetsi bwagiriza Ubufaransa kugira uruhara mu (...)

Guinee Equatoriale : Ubutegetsi bwagiriza Ubufaransa kugira uruhara mu gushaka gutembagaza ubutegetsi

jeudi 11 janvier 2018

Amakuru dukesha ikinyamakuru Ijwi rya Amerika, umushikiranganji w’imigenderanire w’igihugu ca Guinée M. Agapito Mba Mokuy, mu kiganiro ku bamenyeshamakuru, yavuze ko integuro zose zo gutembagaza ubutegetsi zabereye mu gihugu c’Ubufaransa

M. Agapito Mba Mokuy yavuze kandi ko ata mutegetsi w’igihugu c’Ubufaransa yoba ari mur’uyo mugambi wo guhirika ubutegetsi, akongera akavuga ko abihevyi, n’abacangero 27 bafashwe, abashika 150 nabo bariko bararonderwa.

Imigenderanire y’Ubufaransa na Guinée ikaba yatanguye gutosekara inyuma yaho ubutungane bw’Ubufaransa buciriye urubanza Teodorin Obiang, umuhungu w’umukuru w’igihugu ca Guinée, akaba ari n’icegera c’Umukuru w’igihugu, aho yasabiwe umunyororo w’imyaka 3 n’ihadabu y’imiriyoni 30 z’amafaranga y’abanyaburaya,yagirizwa kwiba itunga ry’igihugu.

Igihugu ca Guinée equatoriale kikaba ari kimwe mu bihugu bifise igitoro cinshi ariko abanyagihugu bakaba bugarijwe n’ubukene ,umukuru w’igihugu Teodoro Obiang Nguema akaba amaze imyaka 38 ku butegetsi.


BUKURU Pacifique

Messages

  • bigaragara ko abafaransa ari ikibi cyaziye afrika ngaho Mu Rwanda 94 ngaho Libya ngaho muri Mali ....abafaransa ipuuu murakagwa inyuma yirwanda mugarutse mu RWA. Gihanga (Rwanda)

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.