Ibihugu vya EAC bidatanga intererano vyasabiwe ibihano

Yanditswe na IGIHE
Kuya 8 mai 2017 saa 05:30
Yasomwe : 45351
0 0

Inama y’abashikiranganji b’ishirahamwe rya Afrika y’ubuseruko bemeje ko integuro y’amafaranga uwo muryango uzokoresha mu mwaka w’2017 ushira uw’2018 ategerezwa kugabanuka, bagereranije n’ayakoreshejwe muri uwu mwaka turimwo, kubera ibibazo vy’ubutunzi butifashe neza muri uwo muryango.

Mu nama y’abo bashikiranganji yabereye i Arusha muri Tanzaniya, Liberat Mpfumukeko, umunyamabanga mukuru wa Afrika y’ubuseruko yamenyesheje ko integuro y’amafaranga yokoreshejwe mu 2017/2018 igera ku miriyoni 113.8 z’amadorare y’abanyamerika, aho akaba ari mu gihe muri uwu mwaka turiko turasozera hakoreshejwe ayagera ku miriyoni 101.4 z’amadorare.

Iyo nama y’abashikiranganji yemeje kandi ko mu mwaka uza w’2017/2018, ibihugu biri muri iryo shirahamwe bitazokwongezwa amafaranga y’intererano vyahora bitanga muri iryo shirahamwe. Mu mwaka turiko turasozera, igihugu cose categerezwa gutanga imiriyoni z’amadorare zigera ku 8.3, mu mwaka uza naho igihugu cose kikazotanga imiriyoni 8.4

Icegeranyo c’inama y’abashikiranganji ba Afrika y’ubuseruko cerekana ko ibice 52 kw’ijana vy’amafaranga azokoreshwa mu mwaka uza azova mu ntererano z’ibihugu, ayasigaye nayo atangwe n’abasanzwe bafasha uwo muryango.

JPEG - 153.3 ko
iberat Mpfumukeko, umunyamabanga mukuru wa Afrika y’ubuseruko

Mu ntererano z’uwu mwaka turimwo, igihugu ca Kenya nico cashoboye gutanga ayo categerezwa gutanga yose, Uganda itanga ibice 91.5 kw’ijana, Urwanda rutanga ibice 64.2, Tanzania itanga ibice 30.5, nayo Uburundi bukaba ataco buratanga, mbere bukaba buheranye ayagera ku miriyoni 771,037 z’amadorare y’abanyamerika.

Liberat Mpfumukeko, umunyamabanga mukuru wa Afrika y’ubuseruko avuga ko kuba ibihugu bidatangira rimwe intererano zavyo bigira ingaruka ku bikorwa vy’uwo muryango n’inzego zawo, ariyo mpamvu ubunyamabanga bwa EAC bwasabye ko ico kibazo cohagurukirwa, ndetse ibihugu bitavyubahirije bifatirwe ibihano.


Kumenyekanisha

1
Ngozi 10-05-2017 à 20:39

Ahubwo Biratangaje None Aza Kwicara Munama Atacatwaye !Ntanisoni Afise ? None U Burundi Bushoboye Iki ?

2
Wakera 10-05-2017 à 08:18

Mbe burya Liberat asahura amatunga ya EAC sebuja atigera atanga intererano ! Ibara ! None za mbonerakure baherutse kurungikwa muri EALA zagiye guhembwa mutwigoro twibindi bihugu !!! Nimba zibazako ari buruguri yabashinwa !!!Damn !!!

3
Barutwanayo 9-05-2017 à 15:46

Uburundi Buraririra Bukwiye gufatirwa Ibihano Nabwo

4
Musaga 9-05-2017 à 13:15

U Burundi burakenye nta contribution nimwe buratanga muri EAC,yoo ntibwishoboreye abahora badufasha yari u Rwanda,none raba DD wazanye akabi kabishe

5
Mwumba 9-05-2017 à 13:04

Jewe ntangazwa nuyu yiyita Mediator hamwe n’abashigikira leta y’icaduka,none ikintu kizima bazaniye abanyagihugu n’ikihe ?

6
Mediator 9-05-2017 à 07:32

Muri EAC korera hamwe ntibabacanishemwo cane ko hari aba sans echec baterekwa Leta y,uburundi.Ico baduhora ngo nukwo twababujije kubandanya baturira abantu mumapine !!!! Igihe cose mubonye uwiyita MEDIATOR atyoza inzego z,igihugu ntaba ari Jew muzomumenyera Ku majambo yo kuterekwa Leta uwo ni umu sans echec

7
Mediator 9-05-2017 à 06:28

U Rwanda rwatwishuriye muri EAC $1Million,ubu none ninde azotwishurira ?Peter na DD nisabasabe ikigongwe u Rwanda rudutabare

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha