IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Ibiziga 74 vy’Abimukira vyatowe muri Libia

Ibiziga 74 vy’Abimukira vyatowe muri Libia

mercredi 22 Ruhuhuma 2017, par Egide NDUWIMANA

Ishirahamwe rijejwe gutabara imbabare, Croissant Rouge, mu gihugu ca Libiya ryatangaje ko ibiziga vy’abantu 74 vy’abimukira b’Abanyafrika vyatowe ku nkengera z’ibahari mu buraruko bw’igihugu ca Libiya.

Umuvugizi w’iryo shirahamwe Mohammed al-Misrati, yatangaje ko ubwato bwari bwasambutse bwatowe ku musi wa mbere mu gitondo hafi y’igisagara ca Zawiya ku nkengera z’ibahari Mediterane.

Al-Misrati amenyesha ko yiteze ko ibindi biziga vy’abimukira biseruka mu mazi kubera ubwato kenshi butwara abantu bagera kw’ijana na mirongo ibiri.

Al-Misrati avuga ko ibiziga vyatowe bizojanwa mw’itongo ry’abapfuye riri ku murwa mukuru wa Libiya, Tripoli, ahagenewe abantu batashoboye kumenyekana.

VOA ivuga ko inteko zijejwe gukingira imbibe zo mu mazi b’igihugu ca Libiya zimenyesha ko abimukira barenga amajana atanu batabawe mu mazi y’ibahari Mediterane mu burengero bw’ahitwa Zawiya ku musi wa gatanu no ku musi wa gatandatu w’indwi irangiye.

Abimukira 4,579 barapfuye mu mwaka uheze basomye nturi mw’ibahari Mediterane bavuye muri Libiya bagana igihugu c’Ubutaliyano.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.