Igihugu ca Sudani y’Ubumanuko cugaye imbibe gihana na Republika Iharanira Demokrasi ya Kongo

Yanditswe na MUGISHA Van
Kuya 24 Rusama 2017 saa 01:15
Yasomwe : 9072
0 0

Igihugu ca Sudani y’Ubumanuko cafashe ingingo yo kwugara imbibe gihana n’igihugu ca Republika Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo, inyuma y’iminsi mike iheze hibonekeje indwara ya Ebola muri ico gihugu.

Abategetsi b’igihugu ca Sudani y’Ubumanuko bavuze ko bugaye imbibe igihugu gihana na Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo, mu ntumbero gukinga ko indwara ya Ebola yinjira muri ico gihugu.

Mu ndwi zibiri ziheze,Ishirahamwe ryitaho amagara y’abantu kw’isi OMS,ryatangaje ko abantu bane aribo bitavye Imana bahitanywe n’indwara ya Ebola.

Umwe mu bategetsi b’akarere gahana urubibe n’igihugu ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo yavuze ko uruja n’uruza rw’abantu n’ibidandazwa ruzosubira mu gihe hazoba hasohotse irindi tegeko.

Uwo mutegetsi yavuze ko abakozi b’amashirahamwe mpuzamakungu bamaze gutangura igikorwa co guhimiriza abanyagihugu, babigisha ibijanye n’indwara ya Ebola.

Mu kande karere gahana urubibe n’igihugu ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo, abategetsi babaye barahagarika urudandazwa rw’inyama, mu ntumbero yo gukurikiranira hafi abadandaza.


Kumenyekanisha

1
FIACRE 26-05-2017 à 23:04

NIZITIR BATANERWA.

2
Elias Mpozamarira 25-05-2017 à 07:15

Wafunge kabisa.

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha