Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Igisirikare ca Misiri cihoye abakoze ubwicanyi bw’abakirisitu (...)
Igisirikare ca Misiri cihoye abakoze ubwicanyi bw’abakirisitu 28
samedi 27 Rusama 2017, par
Ubutegetsi bw’i Cayiro bumenyeshako ko bwakoze ico gitero kuri iyo kambi y’abagwanyi mu ntumbero yo kwishura ku gitero cabaye kuri uwu wa gatanu, kigahitana ubuzima bw’abakirisitu b’abanyamisiri bagera kuri 28.
BBC ivuga ko abasirikare bagwanira mu kirere ba Misiri bateye ibisasu 6 muri iyo kambi y’abagwanyi iri hafi y’igisagara ca Derna, mu buseruko bwa Libiya, kuko abagavye ico gitero baronkejwe inyigisho za gisirikare muri iyo kambi.
Umukuru w’igihugu ca Misiri, Abdel Fattah yamenyesheje ko igihugu ciwe kizocungera umutekano w’abanyagihugu, bose kandi ko kizogwanya civuye inyuma abazohungabanya umutekano w’igihugu.
Ntiribaye irya mbere igihugu ca Misiri gikoze igitero mu gihugu ca Libiya, hafi y’aho ivyo bihugu bihana urubibe, mu burengero. Mu mwaka wa 2015, Misiri yaragavye igitero muri Libiya inyuma y’aho umugwi w’intagondwa ziyitirira intwaro ya kiyisiramu werekanye amasanamu y’ubwicanyi bwakorewe abakirisitu 21 bo mw’idini rya Coptic.
Vianney BIKORIMANA
Messages
27 Rusama 2017, 19:14, par PHIlberto
Ni Babahane Barasara!
27 Rusama 2017, 19:15, par JEREMIE
OYA INKOZI ZIKIBI ZICA ABAKRISTO ZIBARENGANYA ZIKWIYE KWICWA NAZONYENE