Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Imbibe za Sudani y’ubumanuko zishobora kwugarwa
Imbibe za Sudani y’ubumanuko zishobora kwugarwa
vendredi 23 Kigarama 2016, par
Inama y’umutekano ya ONU itegekanya gutunganya amatora kuri uwu wa gatanu, ku bijanye no gufatira ibihano Sudani y’Ubumanuko, mu kwugara imbibe z’ico gihugu. Iyo ngingo yasabwe na Reta Zunze Ubumwe za Amerika, abaserukira ibihugu vyabo bakavuga ko ishobora kutemerwa na bose, naho muri Sudani y’ubumanuko havugwa ko hashobora kuba ihonyabwoko.
Amerika, ifatikanije n’Ubwongereza hamwe n’Ubufaransa bamenyesha ko vyihutirwa kwugara imihora ya Sudani y’ubumanuko ku bijanye n’ibigwanisho, amazi atararenga inkombe.
Ibihugu vy’Uburusiya, Ubushinwa, Maleziya, Ubuyapani, Venezuela, na cane cane ibihugu bitatu mu bigize inama y’umutekano arivyo Angola, Misiri na Senegal bivuga ko bitumva iyo ngingo, nk’uko tubikesha VOA.
Ni mu gihe Ban Ki-Moon, Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU yatangaje mu ntango z’iyi ndwi ko ari hamwe hadafashwe ingingo zijanye no guhagarika iyinjira ry’ibigwanisho, igihugu ca Sudani y’ubumanuko gishobora kubamwo ihonyabwoko.

Tubibutse ko Sudani y’Ubumanuko yikukiye mu mwaka w’ibihumbi bibiri na cumi na rimwe. Mu mwaka w’ibihumbi na cumi na gatatu intambara yari yadutse, ikaba imaze guhitana abanyagihugu ibihumbi n’ibihumbi, n’abandi barenga imiriyoni zitatu bataye izabo barahunga.
IGIHE
Messages
24 Kigarama 2016, 10:51, par Nowera Nimbona
Wafunge kabisa siraha zisirudiye kuyingiya sudani, mimi nawaunga mukono kabisa.