IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Imigambwe idaserukiwe mu nama nshingamateka ntishima icegeranyo (...)

Imigambwe idaserukiwe mu nama nshingamateka ntishima icegeranyo cashikirijwe na Michel KAFANDO

jeudi 1er mars 2018

Mw’ikete iyo migambwe yandikiye Michel KAFANDO intuma idasanzwe y’umunyamabanga mukuru wa ONU mu Burundi, riterwako umukono n’umukuru w’urunani rw’iyo migambwe Jacques BIGIRIMANA, imenyesha ko banezerejwe n’igenwa ryiwe, kandi bari bizeye ko azofasha gutsimbataza amahoro mu Burundi.

Iyo migambwe imenyesha ko Michel KAFANDO akiri umukuru w’igihugu ca Burkina Faso yaciye mu bihe nk’ivyo Uburundi bwaciyemwo, aho yatunganije mbere ibiganiro bihuza abanyaburkina faso, agahava ahakwa no gutembagazwa ku butegetsi n’abasirikare, nk’uko vyabaye mu Burundi.

Muri iryo kete, imigambwe itavugarumwe na Reta ariko idafise intebe mu nama nshingamateka, ivuga ariko ko idatahura ingene umuntu yaciye mu bihe nk’ivyo Uburundi bwaciyemwo, akabonana kandi n’abanyeporitike batandukanye mu Burundi, yokwerekana nk’uko Uburundi buri mu ntambara,agasa kandi naho yemeza ko ata karusho mu bijanye n’agateka ka zina muntu kahabaye, kuva mu mwaka wa 2015.

Imigambwe itavugarumwe na Reta ariko idafise ivyicaro mu nama nshingamateka, ivuga ahubwo ko intambwe ari ndende yisunze ko hatunganijwe amatora mu mwaka wa 2015, hatunganywa ibiganiro bihuza abarundi hagati mu gihugu n’ibibera hanze y’igihugu.

Iyo migambwe imenyesha ko, yisunze icegeranyo Michel KAFANDO yashikirije, asa naho yasavye ko abatavugarumwe na Reta bahunze igihugu bari kubazwa ku bijanye n’ibwirizwa nshingiro, kandi hari abayoboke babo bari mu gihugu bazoronka akaryo ko gushikiriza ivyiyumviro vyabo mu matora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro, mu kwezi kwa gatanu 2018.

Imigambwe itavugarumwe na Reta ariko idafise ivyicaro mu nama nshingamateka, isaba n’intumwa idasanzwe y’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe Mpuzamakungu ONU mu Burundi, gufasha kugira abatavuga rumwe na Reta bari hanze y’igihugu batahuke kwereka abanywanyi babo uko bokwigenza mu matora y’ibwirizwa nshingiro, no kwitegurira amatora ya 2020.

Iyo migambwe irangiza imenyesha ko, bisunze ico cegeranyo ca Michel KAFANDO, intumwa idasanzwe y’umunyamabanga mukuru wa ONU mu Burundi, babona ko ahuje ivyiyumviro n’abatavugarumwe na Reta bari hanze y’igihugu, batemera ko hari intambwe yatewe mu bijanye n’umutekano, agateka ka zina muntu, no kubana neza hagati y’abarundi.

Ico cegeranyo ku Burundi, cashikirijwe umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU n’intumwa yiwe idasanzwe mu Burundi, kw’igenekerezo rya 6 Ruhuhuma 2018.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.