IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Inama ya mbere mpuzamakungu kuva mu 1974 yabereye muri Somalia

Inama ya mbere mpuzamakungu kuva mu 1974 yabereye muri Somalia

mercredi 14 Nyakanga 2016, par Egide NDUWIMANA

Abakuru b’ibihugu vyo mu muryango wa Afirika y’ubuseruko bahuriye kuri uwu wa kabiri i Mogadishu ku murwa mukuru wa Somaliya.

Iyo nama y’umusi umwe yahuje y’abakuru b’ibihugu bigize umuryango ujejwe iterambere IGAD mu karere ka Afrika y’ubuseruko. Iyo nama yabaye inama ya mbere mpuzamakungu ibereye muri ico gihugu, hari haheze imyaka 42. Somaliya yaheruka kwakira inama mpuzamakungu mu mwaka w’1974, inama yari yahuje abakuru b’ibihugu bigize umuryango w’ubumwe bwa Afirika.

Mu gihe yariko iyo nama yariko iraba, nk’uko tubikesha VOA, umutekano wari ucungerewe bikomeye cane i Mogadishu, abajejwe umutekano bakaba batinya ko umuhari w’iterabwoba wa al-Shabab ushobora guhungabanya umutekano.

Umukuru w’igihugu wa Somaliya, Hassan Sheikh Mohamud, yarashimishijwe n’iyo nama, mu kuvuga ko ari ikimenyetso c’uko Somaliya iriko irava mu kajagari imazemwo imyaka itari mike.

Abakuru b’ibihugu bari bayitavye harimwo Uhuru Kenyatta wa Kenya, umushikiranganji wa mbere wa Ethiopiya Haliemariam Desalegn, Perezida Yoweri Museveni w’Ubuganda hamwe n’abandi bategetsi bakomeye bo muri Sudani na Sudani yo mu bumanuko.

Mw’itangazo ryasozereye iyo nama, abo bakuru b’ibihugu bamenyesheje ko bizeye ko Somaliya izotunganya amatora atanga umwidegemvyo kuri bose kandi atabo akumira.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.