IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Akanama ka ONU kajejwe umutekano kashikirije ubutumwa Joseph (...)

Akanama ka ONU kajejwe umutekano kashikirije ubutumwa Joseph Kabila

dimanche 13 Munyonyo 2016, par Egide NDUWIMANA

Bamwe mu bagize akana k’umutekano k’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, bari mu rugendo muri Republika Iharanira intwaro rusangi ya Kongo. Urwo rugendo rugamije gufasha gutrera umuti uruhagarara rwa politike ruri muri ico gihugu.

Urw rugendo rwa bamwe mu bagize akanama k’umutekano ka ONU rubaye mu gihe bitegekanijwe ko ikiringo ca kabiri ari naco ca nyuma c’umukuru w’igihugu Joseph Kabila giherana n’ukwezi kwa Kigarama, ariko amatora akaba aheruka kwigizwa inyuma.

Abatavuga rumwe na Reta bagiriza umukuru w’igihugu Joseph Kabila ko yigije inyuma ayo matora n’ibigira nkana kugira agume ku butegetsi.

Mu butumwa akanama k’umutekano ka ONU katanze kuri ico kibazo, kahimirije umukuru w’igihugu Joseph Kabila ko yova ku butegetsi ikiringo ciwe giheze kugira ikibazo nticunyuke.

Inama y’abakuru b’ibihugu vyo muri Afrika yaheruka kubera mu gisagara ca Luanda mu gihugu ca Angola yasozerewe abo bakuru b’ibihugu bemeje ko bashigikiye ko amatora y’umukuru w’igihugu muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo yoba mu mwaka w’2018, aho akaba ari mu gihe vyari vyitezwe ko ayo matora aba mu mpera z’uwu mwaka w’2016.

Mu gihe ibiringo vy’umukuru w’igihugu Joseph KABILA vyoheze kw’igenekerezo rya 19 Kigarama 2016, ingingo yafashwe muri iyo nama n’uko ariwe nyene azobandanya kuyobora Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo, mu myaka ibiri iri imbere.


IGIHE

Messages

  • Niho TRUMP yiyamiriza aka kagwi kajejwe guhungabanya amahoro n’umutekano muri Afrika.

    Nti baratagera ko Afrika itagikene amategeko y’abakoloni.

  • Nubwo ntiwumva ko izo ntumwa za ONU zivuga gutyo rindira ejo bikomeye bazovuga ibindi nkuko babigize ngaha iwacu muburundi mbere bavuga Ngo nkurunziza ntasubire kwitoza ubugira 3 kandi ntibabesha vyarukuri mugabo igitanganje cabo nuko rukomeye batatinye guca bikuriramwo akarenge nkuru Na karwi bagaheraho bagandagura abantu bunyamaswa gushitsa nuyumusi nabo barorera mbere muribo harimwo abatanguye no kuza baramushigikira nkuwitwa benomali uravye ibintu yavuze nibintu biteye isoni gose bitari bikwiye kuvurwa numuntu nkuwo gusa turashima ko nabamutumye atagaciro babihaye kuko barabonye ko Ari interanya kandi harimwo nikimwaro kubona vyaramunaniye gukora akazi ashinzwe Ngo atabare abarundi bamaze ikigihe cose bicwa kandi yokagovye kugira icaba yarakoze Ngo ubwobwicanyi buhagarare burya rero jewe nabonye ONU atawokwishinga ivyayo kuko ninyamuvuga abiri wo mengo akazi kayo nako guteranya abantu aho kubunga kandi biramaze kugaragara ko bani kimoon ashobora kuba arumwe mubarerekera abakuru bibihugu vya Africa muguhonyanga amategeko no guhohotera agateka kazina muntu uravye inyifato yagiye imuranga kuva uburundi bwinjiye mudyane za politike bitewe Na nkurunziza nakarwi kiwe hanyuma nagira sozere mbwira uwiyita karorero ko jewe ntatinya imituragaro uwo desire uwamaraso aho yagahereye yica abantu jewe nari mugihugu kandi nubu niho nkiri sinzohunga turikumwe ngaha nguma ndabakurikirana umusi kumusi amabi yose muriko murakora ejo intahe niyasasa nzobakoma urutoke mumutwe naho ivya desire uwamahoro ntawe vyosamaza turaziko Ari irementanya adolph yarishe impinja zamahasa umuvyeyi wazo yamubwiye ati wishe beshi ayamahaza azoguhumira nta mezi 2 yaheze shebuja wiwe yamutuma ivyo atamwihekuye muntu wihaya kwicana ubuze ico wihaya

  • Tari. Reka kujujuta ibibazo vyubirundi vyaramaze gutoregwa umuti, umaze kubona abarundi benshi bashigikiye reta ihari, nta UNO iriko iravuguruza abenegihugu. Kiretse haribindi bintu mwokora atarugusaba ibiganiro. Ivyo navyo twarabirindiye turabura, ese mwoza kumwe mwabigira mukwa 12 mu 2015 mugatumbera amakambi niho ibiganiro mushaka vyohagararira. Nayahandi ho muzopfana ishavu nkisuguru.

  • Komera mushingantahe Tari zurababwira iyo mihimbiri ngo na ba DD DDD, harihicabatazi.

  • Onu Ubu Yarasambuts Kera Yarafata Ingingo Ikaja Mu Ngiro Nayo Ubu Nti Ntambira Akaj Ntaco Ikimaz Ubona Yamaz Iki ?Mu Burundi. Niv Ngaho Twarabony Ivyayo.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.