Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika risaba amatohoza ku barundi biciwe i Kamanyola

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 19 Nyakanga 2017 saa 02:57
Yasomwe : 25182
0 0

Umukuru w’Inama y’Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika Moussa Faki Mahamat asaba abategetsi b’igihugu ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo gutanguza mu maguru masha amatohoza ku mishamirano yahitanye impunzi z’abarundi 37 hamwe n’intwazangabo mu gisirikare caisagara ca Kamanyola.

Mw’itangazo Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika ryasohoye kuri uno wa mbere igenekerezo rya 18 Nyakanga 2017,umukuru w’Inama y’Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika asaba kandi ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho impunzi HCR gutanguza amatohoza kugira bamenye icatumye haba ubwo bwicanyi, kugira abagirwa bashikirizwe imbere y’ubutungane.

Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho impunzi HCR rimenyesha ko naryo ryababajwe n’ubwicanyi bw’abarundi barenga 30 bapfuye mu gihe bariko basaba ubuhungiro, rigasaba naryo k haba amatohoza kuri ubwo bwicanyi.

Kuwa gatanu igenekerezo rya 15 Nyakanga 2017 , abarundi 37 barapfuye barashwe n’abasirikare ba Kongo, amakuru yavuzwe muri ico gihe yamenyesha ko barashwe mu gihe bari bagiye gusaba ko bagenzi babo bari bahagaritswe n’abajejwe umutekano barekurwa.

JPEG - 56 ko
Moussa Faki Mahamat, arongoye Inama y’Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika

Umushikiranganji w’Uburundi ajejwe imigenderanire Alain Aime NYAMITWE yasavye nawe ko hoba amatohoza kuri ubwo bwicanyi, ariko umushikiranganji wa Kongo ajejwe kumenyesha amakuru Lambert Mende yavuze ko abishwe atari impunzi.


Kumenyekanisha

1
Hicuburundi 20-09-2017 à 08:11

Gutera bureau ya ONU i Buja, kwica impunzi zidafise ibirwanisho muri Congo ibi vyose vyiyongereye ku vyaha CNDD-FDD n’Imbonerakure ziriko ziragira,CPI munyaragase mudufatire ibi binywamaraso binatinya kuja mu nama za ONU i New York Kubera ko zizi amabi zakoreye Abarundi

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha