IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika ryipfuza gutorera umuti amatati ari mu (...)

Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika ryipfuza gutorera umuti amatati ari mu bihugu bitandukanye

samedi 27 janvier 2018

Igihugu c’Uburundi kikaba kizoserukirwa muri iyo nama n’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Gaston SINDIMWO.

Ivyitezwe kuzokwigwa muri iyo nama n’ibijanye no kurwanya igiturire,guteza imbere ivy’intwaro n’ubutunzi hamwe no kurabira hamwe uko bobandanya imigambi yo gukinga amatati,kuyatorera umuti hamwe no kwigira hamwe uko indyane zifatiye ku matora zogabanuka ku mugabane wa Afrika.

Nk’uko tubikesha ikinyamakuru AFRIKI PRESSE, ibishirwa imbere mu bizorangurwa mur’uyu mwaka wa 2018 n’Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika n’ibijanye no gutorera umuti ikibazo kiri hagati y’igihugu ca Maroc n’igihugu ca République arabe sahraouie démocratique (RASD).

Harategekanijwe kandi kwiga uburyo bwo gutorera umuti w’indyane zishingiye ku matora mu bihugu vya Reta Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo,Cameroun,Mali,Zimbabwe hamwe no gutorera indyane za poritike mu bihugu vya Republique centre Afrique ,Somariya hamwe n’igihugu ca Sudani y’epfo.


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.