IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Israel : Abantu 3 bapfuye, umwe arakomereka mu gitero

Israel : Abantu 3 bapfuye, umwe arakomereka mu gitero

mardi 26 Nyakanga 2017, par Egide NDUWIMANA

Amakuru atangwa n’igiporisi ca Isirayeri amenyesha ko uwo munyaparesitina yava ahitwa Beit Surik hafi yo mu micungararo ya Har Adar, akaba yarashe igihe yari yinjiye muri ako gace, ari kumwe n’abandi banyeparesitina bakorera muri ako gace. Ahejeje kurasa nawe yaciye araswa ubwo nyene.

Ibiro bijejwe umutekano mu gihugu ca Isirayeri bimenyesha ko uyo munyaperesitina yari mu bashika ibihumbi 36 bafise impusha zo gukora mu turere abayahudi bigaruriye hasanzwe hacungerewe cane n’abajejwe umutekano.

Nta mugwi uriyitirira ico gitero, ariko imihari imwimwe y’Abanyeparesitina nka Gaza, Hamas hamwe na Islam Jihad yakiriye neza inkuru z’ico gitero.

Tubibutse ko ko Abanyeparesitina hamwe n’abarabu b’abanyisirayeri baguma bakora ibitero ku banyisirayeri kuva aho ico gihugu cigaruriye uduce tumwe twa Paresitina.


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.