Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Israël : Hatowe ibisigarira vy’umuntu asumvya imyaka umugabane wa (...)
Israël : Hatowe ibisigarira vy’umuntu asumvya imyaka umugabane wa Afrika
vendredi 26 janvier 2018
Nkuko tubikura mu kinyamakuru RFI, ivyo bisigarira vy’umubangabanga vyatowe ahitwa Misliya ku musozi wa Carmel ku birometero 12 vya Haïfawa .
Abashakashatsi bakaba bari bamaze imyaka 15 bakora ivyigwa kuri ivyo bisigarira, ari naho batora ko ivyo bisigarira ari ivy’umuntu bimaze hagati y’imyaka 177 000 na 194 000, bikaba ari ibisigarira vy’umuntu bimaze imyaka myinshi inyuma ya Afrika.
Israel Hershkovitz, umwigisha wa kaminuza ya Tel Aviv akaba ari mubakoze ubushakashatsi, avuga ko ari umunezero kubona batoye ivyo bisigarira, akavuga ko bagiye muri kahise k’isi.
Abashakashatsi b’abafaransa n’abadagi bakaba banditse ko ibisigarira vy’umuntu wo mu bwoko bwa Homo Sapien muri Afrika amaze imyaka 300 000
BUKURU Pacifique