Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Amakuru \BB Muri Afrika
Jean Pierre Bemba yagirijwe ikindi caha na Sentare mpuzamakungu mpanavyaha
Yanditswe taliki ya 19-10-2016 - isaha 20:43' na IGIHE

Uwahora ari icegera c’umukuru w’igihugu muri Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo, Jean-Pierre Bemba yagirijwe na Sentare Mpuzamakungu Mpanavyaha ko yahaye igiturire ivyabona.

Bemba yari yagiwe mu ntango z’uno mwaka n’ivyaha vyo mu ntambara hamwe n’ivyaha bikorerwa kiremwa muntu, aciribwa igihano c’imyaka 18. Yagirijwe mu kwezi kwa gatatu ku vyaha yakozwe mu gihugu ca Republika Centrafricaine mu mwaka w’2002 hamwe n’uw’2003.

Yagirijwe ko yananiwe n’uguhagarika abarwanyi yari arongoye, kugira ntibice canke bafate ku nguvu abigeme n’abagore.

JPEG - 26.5 ko
Uwahora ari icegera c’umukuru w’igihugu muri Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo, Jean-Pierre Bemba

Kuri uwu wa gatatu yongewe icaha co gutanga igiturire camutumye abwira ivyabona ivyo bakwiye kuvuga, bahindura ibirego vy’urubanza. Abantu bane mu bamufasha nabo nyene bagiriwe.

BBC ivuga ko ari ubwa mbere habaye urubanza rujanye n’ibiturire mu mateka ya sentare mpuzamakungu mpanavyaha i La Haye.

Abacamanza bavuze ko ivyabona bikomeye 14 vyo mu rubanza rwa mbere vyarinze kwigishwa ivyo bikwiye kuvuga.

Jean Pierre Bemba yapfunzwe mu kwezi kwa gatandatu, akaba ariko yamenyesheje ko ashaka kwunguruza urubanza.

Ivyiyumviro vyanyu

Yeeyeyeyeyeeehhh baba weeeee !!!!iyi sentare ntimubona ko irenganya abirabure ngo ibyaha yakoreye mur centrafrique mugihe we yari yibera muri congo nkumunye congo arko abasanze khadafi mugihugu ciiwe nindege nibifaru bakaruhuka bamwishe bariraramiy ntawubarya nurwara imana mushobora byose niyo iikorera muntwari zuburundi twaray tuyikuyeko puu puu puuuuu...

20.10.2016 à 16:16
Karorero

N,.ibagerageze,bahane,mugabo,isi,yose,nakag, !!

20.10.2016 à 10:52
32

@tari
Uraraba neza hari n’aho womutangayo ! Kuko wewe urinda kuba uri intagondwa y’umwihebe ! Urucira mukaso rugatwara nyoko !

20.10.2016 à 09:31
Temba ntereke

Giravuba muturengukirize nkuru na bambari biwe amazi yarenzi nkombe abantu arikwica nikirenga

20.10.2016 à 06:19
tari

Nibamuhashe kuko ntamugabo yobafise ubwenge agashigikira abakora amabi nkayo yogufata abakenyezi kunguvu, burya uwaciye umugani ngo nyamwongerikibi mukindi yasovye muruzi ruca ruramutwara.kubwico giturire ni yongerezwe ibihano bimukwiye, nabamwe ntiriwe ndadondora ngaha muburundi vyaribikwiye ko bafatwa vyihutirwa bagashikirizwa ubwo bucamanza.

20.10.2016 à 01:03
morodikayi.

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.