Kenya : Abandi baporisi 5 bishwe

Yanditswe na Vianney BIKORIMANA
Kuya 26 mai 2017 saa 10:27
Yasomwe : 11322
0 0

Abaporisi bagera kuri 5 nibo basize ubuzima mu gitero cabaye ku modokari barimwo yaciye ku gisasu catezwe mw’ibarabara riri mu buraruko bushira ubuseruko bw’igisagara ca Liboi, hafi y’urubibe Kenya ihana n’igihugu ca Somaliya.

Nk’uko tubikesha BBC, umugwi w’abagwanyi ba Al Shabab umaze iminsi ukora imitego ibangamiye cane igihugu ca Kenya, uwo murwi ugashaka ko ico gihugu gikura abasirikare baco bagiye kugarukana amahoro muri Somaliya, mu bikorwa vya AMISOM.

Abo baporisi bishwe inyuma y’aho kuri uwu wa gatatu, abandi icenda bagandaguwe mu mutego wa Al Shabab, mu karere ka Mandera hamwe na Garissa.

Imiduga barimwo yaciye ku bisasu (Mines) vyatezwe n’abihevyi.


Kumenyekanisha

1
FIACRE 26-05-2017 à 22:56

Kwer nibarab nez,habarye,amatoz kuk bafise icumbi mukenya kuk nkub hababahisha ?

2
Fredy 26-05-2017 à 10:50

Aba Kenya Muragabe Napacifique Arimwo Mwuwo Murwi Witerabwoba Na Mugenziw Almel Niyôgere

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha