IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Kenya : Abantu batandatu baguye mu gitero

Kenya : Abantu batandatu baguye mu gitero

jeudi 6 Gitugutu 2016, par Egide NDUWIMANA

Abantu bagera kuri batandatu bishwe inyuma y’aho abantu bitwaje ibigwanisho mu gace kamwe k’igisagara ca Mandera, mu buraruko bushira uburengero bwa Kenya.

Amakuru atangwa na BBC avuga ko ico gitero cakozwe ku rupangu rumwe, mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatatu.

Umukuru w’intara ya Mandera, Ali Roba, yanditse kuri Twitter ko abantu 6 bishwe uwundi umwe arakomereka. Yamenyesheje ko abantu 27 kuri 33 bari muri urwo rupangu batabawe n’abajejwe umutekano. Abakoze ico gitero ntibaramenyekana gushika ubu.

Akarere ka Mandera karakunze guterwa n’abagwanyi ba al-Shabab bo mu gihugu ca Somalia.

Igihugu ca Kenya cararungitse abasirikare muri Somalia mu 2011, mu gutuza ivyo bitero vya buri igihe, no mu gufata mu mugongo Reta ishigikiwe n’amakungu.

Umugwi al-Shabab urakunze kugira ibitero mu gihugu ca Kenya, harimwo icahitanye abantu 67 mu maduka ya Westgate mu gisagara ca Nairobi mu mwaka wa 2013.

Mu kwezi kwa gatandatu kw’uwu mwaka, abagwanyi b’uwo muhari barateye imodoka y’igiporisi yo mu bwoko bwa Land Cruiser, ku birometero bike uvuye mu gisagara ca Mandela, bica abapolisi batanu.

Mu mwaka uheze, al-Shabab yaragize igitero kuri kaminuza ya Garissa, cahitanye abanyeshure 148.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.