IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Kenya : Igorofa y’inzu indwi yasenyutse

Kenya : Igorofa y’inzu indwi yasenyutse

mardi 13 Ruheshi 2017, par Egide NDUWIMANA

Igorofa igizwe n’inzu 7 yasenyutse ku mugwa mukuru Nairobi w’igihugu ca Kenya mw’ijoro ryo kuri uwu wa mbere rishira uwo kabiri. Abantu bagera kuri 15 bakaba aribo baburiwe irengero inyuma y’iryo sanganya.

Ishirahamwe rijejwe gutabara imbabare "Croix Rouge" ribicishije ku muhora "Twitter" ryamenyesheje ko imigwi ijejwe gutabara yamaze gushika mu gace ka Kware Pipeline hasanzwe habereye iryo sanganya.

Ikinyamakuru "Star" gikorera mu gihugu ca Kenya kimenyasha ko abantu batari bake barokowe imbere y’uko iyo nyubakwa isenyuka yose.

Abari hafi y’iyo nyubakwa imbere y’uko isenyuka bamenyesha ko iyo gorofa yari ifise imigaga ku mpome zayo, bikaba vyagaragara ko ishobora gusenyuka umwanya n’umwanya.

Abantu bagera kuri 49 nibo baheruka kwitaba Imana i Nairobi, inyuma y’aho inyubakwa yasenyutse bivuye ku mvura nyinshi mu kwezi kwa Ndamukiza uwu mwaka.


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.