Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Kenya : Inama nshingamateka itanguriye ibikorwa mu mpari
Kenya : Inama nshingamateka itanguriye ibikorwa mu mpari
mardi 12 Nyakanga 2017, par
Abashingamateka batavuga rumwe na Reta ya Uhuru Kenyatta bamenyesheje ko batarota bitaba ivyo birori, mu gihe hakiri ukutumvikana ku vyerekeye amatora y’umukuru w’igihugu yimirije gutanganwa ubugira kabiri.

Uhuru Kenyatta yashikirije ko ibikorwa vv’inama nshingamateka bitegerezwa gutanguzwa, n’aho abashingamateka batavuga rumwe nawe batokwitaba ivyo bikorwa.
Mwomenya ko ibikorwa vy’inama nshingamateka ya Kenya vyugururwa mu gihe abanyagihugu biteguriye gutora ku ncuro igira kabiri, amatora y’umukuru w’igihugu azoba kw’igenekerezo rya 17 Gitugutu 2017, inyuma y’aho Sentare ntahinyuzwa imenyesheje ko amatora yabaye kw’igenekerezo rya 8 Myandagaro yaranzwe n’utunenge.


Vianney BIKORIMANA