Kenya : Raila Odinga yasavye abayoboke biwe kutaja ku kazi kuri uwu wa mbere

Yanditswe na Vianney BIKORIMANA
Kuya 14 Myandagaro 2017 saa 09:31
Yasomwe : 3411
1 0

Umukuru w’urunani rutavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Kenya (NASA), Raila Odinga yasavye abayoboke biwe kudatonda ku kazi kuri uno wa mbere igenekerezo rya 14 Myandagaro 2017, mu ntumbero yo kwiyamiriza ivyavuye mu matora yabaye ku musi wa kabiri w’indwi iheze.

Raila Odinga mu gushikiriza ijambo abayoboke biwe inyuma y’aho hatangarijwe ivyavuye mu matora yatsinzwe na Uhuru Kenyatta, yamenyesheje ko Reta yari ifise umugambi wo kwica abanywanyi batavuga rumwe nayo imbere y’uko ivyavuye mu matora bitangazwa.

Raila Odinga, umukuru wa NASA akaba ashikirije ivyo inyuma y’umusi umwe hamenyeshejwe ko hari abantu bishwe mu bice vya Nairobi no mu ntara ya Kisumu, inyuma y’aho abanywanyi b’abatavuga rumwe na Reta bakoze imyiyerekano biyamiriza ivyavuye mu matora.

Raila Odinga yaragendeye igice ca Mathare mu bururaruko bw’igisagara ca Nairobi, aho yasanze hari umwana w’umwigeme w’imyaka 9 yapfuye arashwe, mu gihe hari imishamirano hagati y’igiporisi n’abari mu myiyerekano.

Uwahoze ari umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Koffi Annan, yari yasavye Raila Odinga gukoresha inzira zemewe n’amategeko mu kuharanira agateka kiwe, inyuma y’aho hatangarijwe ko Uhuru Kenyatta ariwe yatahukanye intsinzi. Yamusavye kandi gushira imbere inyungu z’igihugu.

Mwomenya ko inyuma y’amatora ya 2007, abantu barenga igihumbi kimwe bishwe, abarenga ibihumbi 600 barahunga inyuma y’intureka zakwirikiye amatora yo muri uwo mwaka.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha