IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Kenya : Uhuru Kenyatta niwe ari imbere mu majwi y’imfatakibanza

Kenya : Uhuru Kenyatta niwe ari imbere mu majwi y’imfatakibanza

mercredi 9 Myandagaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Ayo majwi akaba ari ayo ku biro vy’amatora 31947 ku biro vy’amatora 40883 vyateguwe mu gihugu cose, nk’uko bivugwa n’umurwi w’igihugu ujejwe gutegura amatora muri Kenya.

Amakuru ava aho muri Kenya amenyesha ko urunani NASA rwaserukiwe na Raila Odinga rwanse kwemera ibimaze kuva muri ayo matora, mu kumenyesha ko ibiharuro biriko biratangazwa atari ivy’ukuri.

Raila Odinga amenyesha ko umugwi wigenga ujejwe gutegura amatora (IEBC) utavyitwayemwo neza, kuko wagiye umenyesha ivyavuye mu matora uteretse abahagarariye amatora bava mu migambwe itandukanye ko ivyo biharuro bivuye ku biro kanaka vy’amatora.

PNG - 101.2 ko
Uhuru Kenyatta, umukuru w’igihugu ca Kenya

Amakuru ava aho muri Kenya yavuga ko ku biro bimwe bimwe vy’amatora ko batanguye igikorwa co gutora batevye, umugwi ujejwe gutegura amatora IEBC ukaba waciye ufata ingingo yo kwongera umwanya batakaje.

Vyari bitegekanijwe ko ibiro vy’amatora vyugurura isaha cumi na zibiri zo mu gitondo ku masaha y’aho yo mu gihugu ca Kenya, bikugara isaha cumi n’imwe ku masaha yaho nyene, ariko imvura yaguye hamwe n’ingorane z’imashini vyatumye amatora ataba ku gihe mu turere tumwe tumwe.

Mwomenya ko abantu benshi b’aho mu gihugu ca Kenya bafise ubwoba ko hashobora kuba imidurumbanyo nk’iyabaye inyuma y’ amatora yo mu mwaka wa 2007, aho abantu bashika 1300 bishwe abandi bangana ibihumbi 600 bataye ingo zabo barahunga.


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.