Kenya : Umucamanza yafashe ingingo ko amatora asubirwamwo yasabiwe kwirukanwa

Yanditswe na Vianney BIKORIMANA
Kuya 14 Nyakanga 2017 saa 03:12
Yasomwe : 25146
0 0

Umushingamateka Ngunjiri Wambugu wo mu mugambwe "Jubilee" wa Uhuru Kenyatta yasavye ko umukuru wa sentare ntahinyuzwa yo muri ico gihugu yokurwa muri ayo mabanga, akaba amwagiriza ko yashatse gutembagaza ubutegetsi bwa Uhuru Kenyatta yitwaje amategeko.

Umushingamateka Ngunjiri Wambugu avuga ko umucamanza mukuru wa Sentare ntahinyuzwa David Maraga ko yitwaye nabi mu kazi ajejwe, akamwagiriza ko yashatse guhirika ubutegetsi yishimikije amategeko, igihe avuga ko amatora yabaye mu gihugu ca Kenya yabayemwo utunenge, asaba ko yosubirwamwo. Umukuru w’igihugu Uhuru Kenyatta niwe yari yatsinze ayo matora.

JPEG - 102.1 ko
David MARAGA, umukuru wa Sentare ntahinyuzwa

Ngunjiri Wambugu yasavye urwego rw’abashingwamanza bo mu gihugu ca Kenya gusuzuma ibikorwa n’imigenzo vy’uwo mukuru wa sentare ntahinyuzwa, yongere yirukanwe muri uwo mwuga.

Mwomenya ko umukuru wa sentare ntahinyuzwa wo mu gihugu ca Kenya David Maraga hamwe na bagenzi we batatu aribo bafashe ingingo ko amatora y’umukuru w’igihugu yabaye mu kwezi guheze kwa Myandagaro muri Kenya, ko asubirwamwo, kuko yaranzwe n’utunenge, nk’uko Sentare ntahinyuzwa yabishikirije. Ayo matora azosubirwamwo mu kwezi kuza kwa Gitugutu 2017.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha