Kenya : Umukozi mukuru mu murwi utegura amatora yatanze imihoho

Yanditswe na Egide NDUWIMANA
Kuya 18 Gitugutu 2017 saa 02:54
Yasomwe : 12825
0 0

Dr Roselyn Akombe, umwe mu bakozi bakuru b’umurwi ujejwe gutegura amatora mu gihugu ca Kenya (IEBC) yatanze imihoho mu gihe hari hasigaye indwi imwe gusa amatora y’umukuru w’igihugu akaba kw’igenekerezo rya 26 Gitugutu 2017.

Ikete ry’uko atanze imihoho Dr Akombe yarirungitse ari i New York muri Reta zunze ubumwe za Amerika aho yahungiye, avuga ko amatora y’umukuru w’igihugu agiye gusubirwamwo atazoba mu muconk’uko vytezwa, kuko umurwi w’igihugu ujejwe gutegura amatora utariko ukorera mu bwigenge. Dr Akombe yamenyesheje ko atipfuza kuba umwe mu bazokoresha ayo matora avuga ko azoba ateye isoni.

Dr Akombe avuga ko yahungiye muri Reta zunze ubumwe za Amerika atinya ko ubuzima bwiwe bwobangamirwa, kuko ku makuru avuga ko afise, umuyobozi mukuru w’umurwi ujejwe gutegura amatora, Wafula Chebukati, acungishijwe ijisho.

Uwo yahora mu bakozi bakuru b’umurwi utegura amatora amenyesha ko imbere y’uko afata ingingo y’uguhunga igihugu, yahora ahamagarwa kuri ngendanwa yiwe n’abantu atazi bamutera ubwoba.

JPEG - 104 ko
Dr Roselyn Akombe, umwe mu bakozi bakuru b’umurwi ujejwe gutegura amatora mu gihugu ca Kenya (IEBC) yatanze imihoho

Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha